IHIMBAZWA RY'UMUSI MUKURU W'IKIGONGWE C'IMANA MURI PARUWASE KIGWENA

IHIMBAZWA RY'UMUSI MUKURU W'IKIGONGWE C'IMANA MURI PARUWASE KIGWENA

Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 16/4/2023, muri Paruwase KIGWENA yo muri Diyoseze Katorika ya BURURI, mu Nkuka ya misa ya kabiri yari irongowe na Patiri mukuru Barthazar Ndayishimiye, harahimbajwe umusi mukuru w'ikigongwe c'Imana.

Muri iyo nkuka hari kandi Umupfasoni Elisabeth NAHIMANA yatanguje umuryango wa «Yezu umunyakigongwe» ku rwego rw'igihugu. Mu nsiguro Patiri mukuru yagize ati: «Urukundo Imana yadukunze rwagaragaye mukuturungikira umwana wayo w'ikinege Yezu Kristu, we yemeye kwicisha bugufi akatwereka ishusho ya Mana Se mukwigira umuntu nkatwe, agafata kamere yacu, uretse igicumuro, agaheza akarinda amagorwa ku bwacu, akababara ku musaraba ku bwacu, agahambwa hanyuma akazuka mu bapfuye gutyo agatsinda igicumuro n'urupfu kugira turokoke, turonke ubuzima».

Patiri yarabandanije ati ngaho rero aho urukundo rw'Imana rw'abonekeye, maze ikigongwe cayo kiraheza kirigaragaza mu gihugu cayo. Amaze kuzuka, Yezu yiyeretse abatumwa biwe ababwira ati: «Nimugire amahoro» kuko bari bafise ubwoba batinya Abayuda, bari guhava babakwirikiza Yezu. Yarongeye asigura ko bari bafise ubwoba kubera ko ariko igihe yafatwa bamutaye bakagenda, Petero wewe akanamwihakana incuro zitatu zose. Ati niturabe rero natwe ibidutera ubwoba bigatuma twiyugarana: hari abiyugarana kubera ubwoba bwa kazoza kabo batabona iyo bahaye baja bakihebura; abiyugaraniye mw'ishari n'inzigo bagirira bene wabo; abandi kubera inabi bakorewe bahejeje bakiyugarana gushika naho bagira bati naka uko vyogenda kose sinzomurekurira, mbere ntawe nzoramutsa , ntituzigera tunasangira.

Abo bose rero Yezu yabazaniye amahoro, niwe yatumwe na Se kudushikiriza ikigongwe c'Imana. Yahavuye nawe atanga ubutumwa abuhereza abigishwa biwe ati: «Nimuronke Mutima Mweranda, uwo muzogirira ikigongwe kw'isi no mw'ijuru azoba akironse nayo uyo muzogumizako ibicumuro bizomugumako». Abakironse rero kiraheza kikatugira abana b'Imana babushitse. Duhamagariwe rero kwizigira no kwakira ikigongwe c'Imana. Tukaba abanyakigongwe nk’uko Data wo mw'ijuru ari Umunyakigongwe.

Twobamenyesha ko insiguro iheze, abahurikiye mu muryango wa «Yezu umunyakigongwe» barishikanye ku Mushaha Mweranda wa Yezu, baratanga imitwaro yabo. Abashika 27 barinjiye icese baranambikwa utujabitugu. Mwomenya kandi ko inyuma y'imisa umusi mukuru wabandanije mu kanyamuneza ko gusangira utwo baronse bari kumwe n'aboro batororokanijwe muri Paruwasi, hamwe no gushikiriza utuganuke uwo yatanguje uyo muryango ku rwego rw’igihugu.

Achille INGABIREYIMANA