IHIMBAZWA RY'UMUSI MUKURU W'ISAKRAMENTU RYERANDA MURI PARUWASE KIRWENA

IHIMBAZWA RY'UMUSI MUKURU W'ISAKRAMENTU RYERANDA MURI PARUWASE KIRWENA

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 2/6/2024,  abakristu ba paruwase kigwena yo muri dioseze gatorika ya Bururi barahimbaje mu kanyamuneza umusi mukuru w'Isakaramentu Ryeranda. Hari mu misa ya kabiri yari irongowe na nyakubahwa Patiri mukuru wa paroisse kigwena Patiri Ezéchiel Harushimana ari kumwe na Patiri Emmanuel Rugerinyange asanzwe ariwe ajejwe ubutumwa bw'imihari n'imirwi muri iyo paruwase.

Mu nyigisho y'uwo musi, Patiri mukuru yaribukije abakristu isinzi baraho ko Isakaramentu Ryeranda ritwibutsa urukundo Yezu yadukunze akemera kugumana natwe gushika ku muhero w'isi. “Yaremeye arasesa amaraso kubera urwo rukundo adufitiye. Ni umusi mukuru w'akanyamuneza rero kuko Yezu aratwiha wese kandi twese abarwaye n'abakomeye mu bishusho vy'umukate n'umuvinyu”.

Yabandanije yerekana urwo rukundo Yezu yakunze abantu cane cane yerekeza ku bana bato bashika 284 bahavuye baronka urusangi rwa mbere muri iyo nkuka: “Umukate uhinduka umubiri wa Yezu si wawundi ba sogokuru barya hama bagapfa ahubwo ni umukate uduha ubuzima. Mwese murazi ko amaraso ari ikimenyetso c'ubuzima Yezu rero yatanze ubuzima bwuzuye, ubumana bwiwe, iyo rero tumwakiriye turonka ubuzima budahera. Uwumwakiye aba muri We nawe akaba muri we”.

Ntiyatinye kuvuga yuko abatari bake bajuragirika bahindagura amadini kandi baja aho badahereza inkuka ya misa kandi tuzi ko Isakaramentu ry'Ukaristiya rigaragarira aho hose haherejwe inkuka ya misa. Yabandanije yibutsa abakristu ko bogumana na Yezu-Ukaristiya “Duteramire Yezu mu kumushengerera eka mbere tunamuramutse aho avyagiye mw'itaberenakuro. Twemere ko Yezu, mukwicisha bugufi yigize akantu ubusa kugira ntidutinye kumwaira. Twicishe bugufi natwe mu kumwakira twiteguye ku mutima no ku mubiri. Uwumwakira atiteguye ahakura urupfu ariko uwiteguye akahakura ubuzima”. Yasozeye inyigisho atumirira abakristu isinzi baraho gusaba inema yo gukunda Yezu muri Ukaristiya no gukunda ikigongwe c'Imana kidufasha gusukura aho Yezu ashikira.

Twobamenyesha ko inyuma y’inkuka ya misa haciye hakurikira urugendo kumwe n’Isakramentu Ryeranda. Umusaserdoti arireruye yari akikijwe n'abakristu isinzi. Urwo rugendo rwamaze amasaha atatu yose bazunguruka mu makaritiye agize igisagara ca Kigwena, bavyina batamba. Ico tutari tumenyeye nuko n'abo muyandi madini n'abo bahavuye baja muri urwoo rugendo. Ibirori vy’uwo musi vyarangiye mu kanyamuneza ntangere, kumwe n’umuhezagiro udasanzwe w’uyo musi.

Achille INGABIREYIMANA, umumenyeshamakuru wa Paruwase