ISANAMU Y’UMUVYEYI BIKIRA MARIYA AGENDERA INGO MURI PARUWASI KIGWENA

ISANAMU Y’UMUVYEYI BIKIRA MARIYA AGENDERA INGO MURI PARUWASI KIGWENA

Kw'igenekerezo rya 29 Nzero 2023, muri Paruwasi ya Kigwena yo muri Diyoseze Gatorika ya Bururi, haratanzwe inyigisho za Bikira Mariya agendera ingo. Zatanzwe na Mama Mariya Claudine NIYUHIRE asanzwe ajejwe ubwo butumwa ku kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya   i Gikungu (Bujumbura).

Uyo mubikira yari kumwe kandi n'umupfasoni Rita NDAYIZIGA. Izo nyigisho kandi zari zaratewe iteka na Nyakubahwa Patiri mukuru Barthazar NDAYISHIMIYE hamwe na Patiri Emmanuel RUGERINYANGE asanzwe ajejwe ubutumwa bw'imihari n'imirwi.

Mu nyigisho ziwe, Mama Mariya Claudine, ahejeje gusoma Ijambo ry'Imana, yaciye atangura gusigurira abari aho ibijanye na Bikira MARIYA agendera ingo. Yagize ati: « Murazi y’uko ku musi mukuru w'Iyurizwa mw'ijuru rya Bikira Mariya hakunda gutegurwa ingendo nyeranda zigana ikirimba ca Bikira MARIYA i Gikungu, bigaheza bikaruhisha abatari bake cane cane abatama n'abatamakazi. Bafatiye ku kugene Bikira MARIYA yagiye kuramutsa Elizabeti, bahavuye babona ko Bikira MARIYA ashobora kuramutsa abana biwe abasanze  mu mihana iwabo ».

Yarabandanije avuga ko kw’igenekerezo rya 10/8/1950 ariho ubwo butumwa bwatangura hariya mu gihugu ca Breziri muri Amerika y'epfo aho hahezagirwa isanamu zitatu za Bikira MARIYA agendera ingo baca batangura kuziherekeza mu ngo. Ico gihe umushingantahe Yohani Pozzogoni niwe yabaye rurangiranwa kuko ariwe gusa inyuma y'amezi atatu yashishikaye ubwo butumwa gushika yitabe Imana inyuma y'imyaka 35.

Mama Mariya Claudine ati: « Uwo mushingantahe Yohani Pozzogoni yari yubatse afise umugore n'abana kandi yari umurimyi. Ntimuhave rero mwitwaza ibikorwa mufise ngo mwanke kwakira  ubwo butumwa. Intumbero ya Bikira MARIYA agendera ingo ni uko akomeza urukundo, agaha ikibanza gikwiye Ijambo ry'Imana; ni n'uburyo bwiza bwo gukomeza ubweranda. Aho ashitse araheza akabona ikihabuze agaca agishikiriza umwana wiwe nawe akagikemura ».

Patiri Emmanuel RUGERINYANGE, yahavuye nawe afata ijambo aho yagize ati: « Ingo nyinshi ntizigisenga; uwo Muvyeyi aje hageze turamuhaye ikaze, ingo zikomere mu gisabisho. Kandi twese dutumiriwe kumwakira tukamushira n'abandi. Uwakiriye Bikira MARIYA aba yakiriye Yezu kuko ntibavana. Niwe atuvugira kwa Yezu; rero umushitsi aritegurirwa, tumwitegurire ku mutima no ku mubiri aje gukura ico cose kidutandukanya n'Imana kandi aje kudufasha gukenguruka ku vyiza Umukama yaduhaye ».

Umupfasoni yaje aherekeje Mama Mariya Claudine nawe neyene yaratanze inyigisho mu gutanga ubuhamya bwerekanye neza ko Bikira MARIYA agendera ingo atari isanamu gusa nk’uko abatari bake bavyibaza, ariko ko ari Umuvyeyi we nyene kuko hari n'ibitangaro bimaze gukoreka biciye kuri Bikira MARIYA agendera ingo.

Twobamenyesha ko mukurangiza, Mama Mariya Claudine yahavuye abasigurira uko imirwi yo kwakira uwo Muvyeyi ishingwa n'ingene ikora ubwo butumwa. Baciye batora umutumwa umw’umwe kw'ishure kw'ishure azofasha mw’ishingwa ry'iyo mirwi hamwe n'umwe kuri paroisse. Inyigisho zarangijwe n'igisabisho mu kanyamuneza ntangere.

Achille INGABIREYIMANA