UBUCUTI HAGATI YA PARUWASI RUMENZA NA PARUWASI CANGWE

UBUCUTI HAGATI YA PARUWASI RUMENZA NA PARUWASI CANGWE

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 14/07/2024, abaririmbiramana bo muri paruwasi ya Rumeza, ishule tabariro rya Muheka bitiriwe “Maria Mweranda”, baraje kuramutsa abaririmbiramana bitiriwe Petero Mweranda bo kw'ishule tabariro rya Cangwe, Paruwasi Cangwe, Diyoseze Bururi. Abo bashitsi bakiriwe mu misa ya kabiri iremeshejwe n’indirimbo zabo; iyo misa yari irongowe na Padiri Mukuru wa Paruwasi Cangwe Venansi NZISABIRA.

Intumbero y’urwo rugendo ikaba yari iyo kwunga ubumwe n'ubucuti hagati y’abo baririmbiramana kuko, kanatsinda agafuni kabagara  ubumwe ari akarenge.

Padiri Mukuru mu nsiguro yatanze kw'uyo musi yaragerageje guha ingingo ngenderwako ku mu kristu wese mu buzima bwiwe bwa misi yose akanya akiri kuri ku rugendo kuri ino si. Izo ngingo nazo zari izi:

  1. Ntihaze hagire umuntu ahamwa ngo ni uko avuze ukuri ngo ahave akuzira;
  2. Nimuze twigenze nk'abana b'Imana batagira amahinyu;
  3. Kumenya ingene dufata abadutoteza, abaduhama mukwambaza Mutima Mweranda;
  4. Ntituze dutinye igitsure c'abo dutumweko ahubwo turinde rugabo;
  5. Nituvuge ivyo twatumwe ka buhanuzi tutarondera kuryanisha abantu;
  6. Nitwakire neza abatumwa b'Umukama tubashe kwumva Ijambo ry’Imana.

Twobamenyesha ko inyuma y'iyo nkuka ya misa habaye kwiginana mu kwakira abo bashitsi mu kibanza c'inzu y'amanama n'imanza aho bari bahujwe n'agacupa hamwe n'ikiyago.

Félix NIYUKURI, umumenyeshamakuru wa Paruwasi