

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 14/07/2024, abaririmbiramana bo muri paruwasi ya Rumeza, ishule tabariro rya Muheka bitiriwe “Maria Mweranda”, baraje kuramutsa abaririmbiramana bitiriwe Petero Mweranda bo kw'ishule tabariro rya Cangwe, Paruwasi Cangwe, Diyoseze Bururi. Abo bashitsi bakiriwe mu misa ya kabiri iremeshejwe n’indirimbo zabo; iyo misa yari irongowe na Padiri Mukuru wa Paruwasi Cangwe Venansi NZISABIRA.
Intumbero y’urwo rugendo ikaba yari iyo kwunga ubumwe n'ubucuti hagati y’abo baririmbiramana kuko, kanatsinda agafuni kabagara ubumwe ari akarenge.
Padiri Mukuru mu nsiguro yatanze kw'uyo musi yaragerageje guha ingingo ngenderwako ku mu kristu wese mu buzima bwiwe bwa misi yose akanya akiri kuri ku rugendo kuri ino si. Izo ngingo nazo zari izi:
Twobamenyesha ko inyuma y'iyo nkuka ya misa habaye kwiginana mu kwakira abo bashitsi mu kibanza c'inzu y'amanama n'imanza aho bari bahujwe n'agacupa hamwe n'ikiyago.
Félix NIYUKURI, umumenyeshamakuru wa Paruwasi