UMUGAMBI WO KWUBAKA INGORO Y’IMANA KW’ISHURE TABARIRO RYA BUSEBWA WARATANGUYE
Ku musi w’Imana, igenekerezo rya 21/5/2023, kw’Ishure rya BUSEBWA, muri Paruwase KIGWENA ya Diyoseze ya BURURI, haraherejwe Inkuka y’amashimwe, mu ntumbero yo kwegeranya uburyo bwo kwubaka ingoro y'Imana. Iyo Nkuka yaherejwe na Patiri Jean Baptiste NDIKURIYO.
Mu nyigisho yatanze, Patiri Jean Baptiste, ashimikiye ku bisomwa vy’uwo musi, yatumuriye abakritsu kubaka ingoro y'Imana kugira bazoronke impera mw’ijuru. Yaranakebuye abari aho ati: “Turiyubakira amanzu meza meza, tukibagira kwubaka ingoro y'Imana”. Mur’iyo Nkuka ya misa, abakristu bo kuri iryo shure, hamwe n'abari basengeye aho nyene, baciye bakora igikorwa co kwegeranya uburyo ngo kugira iyo ngoro yubakwe.
Ico gikorwa kikaba cari categuwe ku migwi itandukanye: hataguye gutanga abamenyeshamana barongeye iryo shure, abakutsakivi, abatumire, abaje bava mu yandi madini, abakozi ba Leta hanyuma haca hakwirikira imibano rukristu. Muri uko kwitanga kwabo, habonetse ubwo nyene amafranga angana ni 2.283.000 Fbu. Hari n’umukristu avuka aho nyene yiyemeje kuzotanga amafranga angana ni 2.000.000 Fbu.
Imbere y’umuhezagiro w’ugusozera inkuka ya misa, umusaseredoti yarakengurukiye cane abatanze eka na bo bose bataronse ico batanga uyo musi ariko biyemeje kuzotanga kugira ivyo bikogwa vyo kwubaka ingoro y'Imana bigende neza. Patiri yaciye amenyesha icese ko ibikorwa vyo kwubaka iyo ngoro y’Imana vyuguruwe, maze atumirira abari aho gushishikara ivyo bikorwa mu kugira utwigoro twinshi.
Twobamenyesha ko uyo musi nyene, hanatanzwe n’intererano ya “Mariathon”, hamwe n’iyindi yo gufasha umukristu arwaye yasavye ubufasha kungira ngo aje kwivuza. Twobamenyesha kandi ko hari n’abashitsi: abaririvyi ba “Chorale” yitiriwe “Umuryango Mweranda” bo kw’Ishure rya Makombe riri muri Paruwase ya Rumonge bari baje kuramutsa bangezi babo ba Busebwa.
Alexis HAMENYIMANA (umumenyeshamakuru wa Paruwase)