UMUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABIHEBEYIMANA WARAYE UHIMBAJWE MURI DIYOSEZE YA BURURI

UMUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABIHEBEYIMANA WARAYE UHIMBAJWE MURI DIYOSEZE YA BURURI

«Uyu musi ni akanya keza cane kuri twebwe ko kwibuka ibanga, tugakoranira hamwe, tukaganira, tukibukanya ivyiza twahawe n’Imana yaduhamagariye iri banga ryo kuyihebera» (Mama Gaudence Nshimirimana Bene Mariya).

Muri diyoseze ya Bururi umusi mpuzamakungu w’abihebeyimana ugira 24 warahimbajwe ku musi w’Imana igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2020. Ibirori vyo kuwigina bikaba vyabereye muri Katedrale yitiriwe Bikira Mariya Mugabekazi, bikaba vyari birongowe na Musenyeri Leonidasi Nitereka, icegera ca Musenyeri Venansi Bacinoni Umwepiskopi wa Diyozeze.

Aho naho hakaba hari hahwaniye imibano y’abihebeye Imana basanzwe barangurira ubutumwa bwabo mu ntara y’ubutumwa ya Bututsi ni ukuvuga ama paruwase ya Bururi, Butwe, Rumeza, Mugamba, Kiryama na Rutovu. Imiryango yari yitavye urwo rubanza ikaba yari : Umuryango w’Abigishwa ba Yezu, Abene Mariya, Ababikira b’Abakozi (Sœurs Ouvrières), Abene Yozefu, Abahangamana ba Benedicto Mweranda b’Umugabekazi w’Amahoro (Buta). Ibirori nyenzina vyatanguwe n’Inkuka ya misa aho nyakubahwa Musenyeri Leonidasi Nitereka yashikirije abihebeye Imana n’ishengero ry’abakristu imvo n’insiguro y’urwo rubanza mu majambo akurikira :

Umusi w’Iherezwa ry’Umukama : “Uyu musi Ekleziya ihimbaza Iherezwa ry’Umukama. Imisi 40 iheze inyuma y’ivuka ry’Umwana Yezu, abavyeyi biwe Bikira Mariya na Yozefu baragiye kurangura umugirwa wari utegekanijwe w’uko umwana w’imfura wese aherezwa Imana mu rusengero rw’i Yeruzalemu. Uko guherezwa kwa Yezu bitumenyesha ko ubutumwa yaje kurangura yabutumwe n’Imana kandi ko azoburangura ari kumwe na Yo na ntaryo. Ivyo azovuga, n’ivyo azokora, vyose azobirangura ari kumwe na Se. Mu rusengero kandi barahereza ibitungwa vy’iriza n’ivyimburwa vya mbere. Ivyo bigasigura ko umuntu ari kw’isi, ivyo ashobora kuhakora canke kuharonka (abana, abavyeyi, abagenzi, ibitungwa, imirimo, imirima n’ibindi), vyose abihabwa n’Imana. Abantu nabo mu kubihereza ni uburyo bwo kwerekana ugukengurukira Imana kwabo n’ukwemeza ko vyose baba babihawe na Yo…”

Umusi mpuzamakungu w’abihebeyimana. Musenyeri Leonidasi yakomeje ashikiriza intumbero y’uwo musi mukuru agira ati: “Uyu musi kandi ni umusi mukuru mpuzamakungu w’abihebeye Imana bose. Nkuko Kristu yihereje Imana, nabo nyene barihaye Imana, kugira ngo ubuzima bwabo bwose, ivyo bazokora vyose bazokwame babigira bari kumwe n’Imana. Uyu musi vyongeye, ni uwo gusabira abihebeye Imana, tukabavugira ku Mana kugira ngo bame babereye iteka n’ibanga batorewe, ubutumwa biyemeje muri Ekleziya bazokwame baburangurana umwete n’urukundo”.

Ukwiheberimana kwubakiye kw’ibatisimu: “Uyu musi mpuzamakungu w’Abihebeye Imana washinzwe na Papa Yohani Paulo wa kabiri. Yawushinze afatiye ku musi w’Iherezwa ry’Umukama mu rusengero i Yeruzalemu. Yawushinze ashaka ko abihebeyimana bazokwama bifatanya na Yezu kuri uwo musi mu kwihereza Imana gushitse. Ukwihereza Imana kw’abihebeyimana kwubakiye ku kwihereza Imana kwa mbere abakristu bose bagira mw’ibatisimu. Abihebeyimana bakaba bararonse inyongera y’umuhamagaro w’Imana, kugira ngo babashe gukomeza urugendo batanguye mw’ibatisimu. Kuko ukwihebera Imana ari ukubandanya indagano z’ibatisimu kurangukira muri za ndagano zitatu bagira: ubugamburutsi, ubwerentegerwa n’ubworo. Insiguro y’izo ndagano zitatu akaba ari uko ugushaka kwabo, urukundo rwabo n’ibintu vyose bari gushobora kuronka kw’isi bashaka kureka kuvyitirirwa bakabishira mu minwe y’Imana. Maze muri Ekleziya, abihebeyimana bagaca baba ibimenyetso biboneka vy’ubuzima bwahinduwe n’ibatisimu, ibimenyetso biboneka vy’ubwami bw’Imana maze abababona bagaca bagira akanovera k’ijuru”.



Turakoranira hamwe, tukaganira, tukibuka, tugakenguruka…”, iyo ni inyishu y’umwe mu bihebeye Imana twabajije ico uguhimbaza uwo musi kubamarira. Arongera kandi ati: “Dusubira kwibuka n’ugukenguruka iteka n’ibanga Imana yaduhamagariye. Ni akanya keza cane kuri twebwe ko kwibuka ibanga, tugakoranira hamwe, tukaganira, tukibukanya ivyiza twahawe n’Imana yaduhamagariye iri banga ryo kuyihebera”. Yaratubwiye ingene abihebeyimana biteguriye uwo musi. “Uwu musi urahambaye nico gituma tumaze imisi turiko turawitegurira; twari tumaze imisi icenda dukoranira hamwe dusenga twongera tuzirikana. Uwu mwaka ijambo shimikiro twafatiyeko ni ubunywanyi bufatanya indagano z’ibatisimu n’indagano z’ukwihebera Imana”.

Ivyo birori vyasozerewe n’igiteramo co kwiginana n’ukwivuna umusase, ari naho hashishikariwe amajambo yo gukenguruka iteka n’ibanga ry’ukwihebera Imana.

Twobamenyesha ko abandi bihebeyimana barangurira ubutumwa mu ma paruwasi yo mu zindi ntara z’ubutumwa uwo musi bawuhimbarije bamwe i Makamba abandi mu Rumonge.

                                                                                                                                            Zenon Nzeyimana