IHIMBAZWA RY’UMUSI MUKURU W’IYURIZWA MW’IJURU RY’UMUVYEYI WACU BIKIRA MARIYA HARIYA I MUGERA

IHIMBAZWA RY’UMUSI MUKURU W’IYURIZWA MW’IJURU RY’UMUVYEYI WACU BIKIRA MARIYA HARIYA I MUGERA

Kuri uyu wa 15 Myandagaro 2021, hariya ku kirimba ca Bikira Mariya ku murambi wa Mugera, niho hahimbazwa umusi mukuru w'Iyurizwa mw'Ijuru ry’umuvyeyi wacu Bikira Mariya. Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA akaba ariwe yararongoye Inkuka ya Misa ahagatiwe n'abepiskopi b'amadiyosezi ya Ngozi, Bururi na Ruyigi.

Turetse abakristu indiri, abihebeyimana n’abasaserdoti isinzi bari baje bavuye mu mihingo itandukanye y’iki gihugu cacu, hari n’abashitsi b’iteka benshi bari baje muri ivyo birori vyeranda : umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi Nyenicubahiro Evaristo NDAYISHIMIYE, abashikiranganji, abashingamateka n’abakenguzamateka bamwe bamwe !

Mu majambo atandukanye yahashikiririjwe, bose bakengurukiye Imana ihangaje Uburundi busanzwe bweguriwe uyo Muvyeyi Bikira Mariya, imyaka 60 ikaba irangiye. Umukuru w'igihugu cacu yamenyesheje abari aho ko Uburundi bufise imitwaro itatu : uwo kumenya ukuri, uwo kurekuriranira hamwe n’uwo gusubiza hamwe. Yamenyesheje kandi ko hari n'icipfuzo c'uko hokwubakwa ingoro y'Imana yagutse i Mugera yokwegeranya abakristu benshi ku musi nk'uyo.

Twobamenyesha ko mugusozera Inkuka ya Misa, abepiskopi bari aho, umukuru w'igihugu cacu c’Uburundi n'umutambukanyi wiwe, abashikiranganji hamwe n'abasaserdoti bamwe bamwe basubiye kwegurira Uburundi Umuvyeyi Bikira Mariya. Ese uyo muvyeyi yurijwe mw’ijuru yobandanya asabira Uburundi n’abarundi !

 

Patiri Christiano Manirabaruta