IKIRIMBA CA BIKIRA MARIYA MURI PARUWASE MAKEBUKO CARAYE CUGURUWE

IKIRIMBA CA BIKIRA MARIYA MURI PARUWASE MAKEBUKO CARAYE CUGURUWE

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Myandagaro 2021, hariya muri Paruwase Makebuko isanzwe iri muri Diyoseze Nkuru ya GITEGA, harahezagiwe hongera harugururwa icese  ikirimba ca Bikira Mariya. Ivyo birori bikaba vyabereye mu Nkuka ya Misa yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana, umwungere mukuru w’iyo Diyoseze.

Uyo mwepiskopi mukuru yari ahagatiwe n’abakristu isinzi, abasaserdoti be n’umushingamateka Constatino NDIKUMANA asanzwe ari imvukira y’iyo paruwase akaba ari nawe yubakishije ico kirimba ; hari kandi n’umushitsi w’iteka : umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evaristo NDAYISHIMIYE.

Ico kirimba kikaba citiriwe « Bikira Mariya Mushikiriza w’inema zose ». Bafashe amajambo, Benivyubahiro Musenyeri Simoni n’umukuru w'igihugu, barakengurukiye cane abakristu bose, muri kino gihe bariko barazirikana uruhara rwabo muguteza imbere amaparuwasi yabibarutse, bagaheza bakubaka ibirimba bene ivyo biheza bigafasha abakristu bose kwegera Imana!

Twokwibutsa ko ata misi yari ihaciye ikigo nk’ico cuguruwe hariya muri Paruwasi Murayi, ico naco kikaba cubakishijwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu ! Ese Imana yobandanya ihezagira abakristu bose, Uburundi n’indongozi zabwo. Umuvyeyi Bikira Mariwe nawe akama adusabira !

Patiri Christian Manirabaruta