IMYAKA 25 IRARUMANYE MUSENYERI YOHAKIMU RUHUNA AGANDAGUWE

IMYAKA 25 IRARUMANYE MUSENYERI YOHAKIMU RUHUNA AGANDAGUWE

Kuri uyu wa 9 Nyakanga 2021 imyaka 25 irarangiye Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu RUHUNA, yahoze ari umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega agandaguwe. Ibirori vyo kumwibuka vyatanguwe n'inkuka y'Imisa yaherejwe n'umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana mw'isengero nkuru ya Diyoseze isaha zine.

Iyo Nkuka ya Misa yari yitabwe kandi n'abepiskopi batatu, Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE umwungere wa Diyoseze Katolika ya Muyinga akaba ari n’umukuru w'Inama y’abepiskopi katorika b'i Burundi akaba kandi yanashikirije ijambo kw'izina rya bagenziwe; Musenyeri Bonaventura, icegera c’umukuru w’iyo nama y’Abepiskopi akaba n’umwungere wa Diyoseze Katolika ya Rutana hamwe na Musenyeri Bulaziyo NZEYIMANA arongoye Diyoseze Katolika ya Ruyigi ; n’abasaserdoti batari bake bari bavuye muma Ekleziya y'i Burundi. Hari kandi n’abanyamuryango ba Musenyeri Ruhuna.

Inyuma y'Inkuka ya Misa, hashizwe ingori z'amashurwe ku ntatemwa yiwe; hakurikiye umugirwa wo guhezagira icibutso casubiwemwo n'umuryango hamwe n'ishirahamwe rimwitirwa « Fondation Mgr Joachim RUHUNA ». Hakurikiye kandi gusabikanya inzimano y'urwo rubanza ruhambaye!

Patiri Emmanuel NZEYIMANA