INTUMWA YA PAPA IHERUKA KUGENWA MU BURUNDI YARAYE ITUGENDEYE

INTUMWA YA PAPA IHERUKA KUGENWA MU BURUNDI YARAYE ITUGENDEYE

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19/2/2022, Diyoseze nkuru ya Gitega yari ifise umushitsi  witeka : intumwa ya Papa iheruka kugenwa ngaha mu Burundi, Nyenicubahiro Musenyeri Dieudonné Datonou. Akaba ariwe yahereje Inkuka ya misa muri Catedrale Kristu Mwami yo Ku mushasha ari kumwe na  Musenyeri mukuru Simoni Ntamwana, ahagatiwe kandi  n’abasaserdoti isinzi bo muri Diyoseze nkuru ya Gitega bari baje kumusanganira.

Abakristu isinzi bari bitavye akamo bari batewe ko kwitaba ari benshi muri iyo nkuka yimisa ngo basanganire iyo ntumwa ya Papa. Imbere yo gutangura guhereza iyo nkuka, Musenyeri Simoni Ntamwana yabanje kuvuga akajambo ko kumuha ikaze, agaragaza ingene  ari iteka ridasanzwe  ry’uko Diyoseze nkuru ya Gitega yakirira umushitsi nk’uwo mw’isengero mvyeyi yayo.  Ako kajambo kungikanijwe nak’iyo ntumwa ya Papa, aho yabanje gushikiriza igihugu c’Imana cari aho indamutso ya Nyenubweranda Papa Fransisko; yaciye abamenyesha y’uko ariwe yagenwe ngo aserukire Papa ngaha mu Burundi. Ati Papa arabahetse mu gisabisho kuko no muri aka kanya nyene arazi ko dukoraniye muri iyi sengero mveyi.

Inkuka ya misa iheze, imbere yo gutanga umuhezagiro wo gusozera, yarabamenyesheje ubutumwa nyamukuru bwari bumuzanye, bwo kumenyesha igihugu c’Imana ingingo ya Papa Fransisko yo kugena Umwepiskopi mushasha wa Diyoseze nkuru ya Gitega,i nyuma yaho Musenyeri Ntamwana, yisunze uko amategeko abitegekanya, yisabiye kandi akemererwa kuronswa akaruhuko ko muzabukuru. Musenyeri mushasha yagenwe akaba ari Musenyeri Bonaventura Nahimana, yahora ari umwungere wa Diyoseze ya Rutana.

Musenyeri Bonaventura yararungikiye indamutso igihugu c’Imana cari ngaho; akaba yaranamenyesheje yuko yari yatumiwe ngo abe muri iyo nkuka ya misa, ariko asaba imbabazi ko atashoboye kuhaba kubera ubutumwa buhambaye yarimwo mu Rutana, bikaba bitakunda ko abwimaturako kuko bwari busanzwe butegekanije imbere yo kumenyeshwa ivy’iyo ngingo.

Musenyeri Ntamwana yarakengurutse iyo ngingo, arasaba intumwa ya Papa ngo izomumushikiririze ubukengurutsi, aranashikiriza icipfuzo c’uko Musenyeri Bonaventura atoteba gushika. Yarongeye amwifuriza  ikaze no kuroranirwa mu butumwa bushasha bwo kuragira igihugu c’Imana kiri muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

 

Patiri Christian Manirabaruta