ISENGERO NSHASHA YA PARUWASE BUDATYORA YARAYE IHEZAGIWE

ISENGERO NSHASHA YA PARUWASE BUDATYORA YARAYE IHEZAGIWE

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 5/11/2020 niho umwungere mukuru wa diyoseze nkuru ya Gitega yahezagira isengero ya paroisse Budatyora mu ntara y'ubutumwa ya Makebuko.

Mu nyigisho yiwe, umwungere wa diyoseze nkuru ya Gitega yarakengurukiye abakristu ba paroisse Budatyora ku mutima berekanye wo gusenyera ku mugozi umwe gushika aho biyubakira iyo Ngoro y'Imana. Yaranabasavye kubandanya bafatana munda kugira bagume bari umuryango umwe, wībwȋriza kandi uzi kugamburuka ; ati ivyo vyose bifatira kukumenya Kristu. Nka Paulo mweranda ati icamushitse ku mutima ni ukumenya Kristu. Kumenya Kristu rero biradufasha gutera Imbere.

Yaratumiriye abari aho kugira umuvukano nk'abafise umwungere umwe Yezu Kristu. "Iyo tuba twarategereye ivy'umuvukano ukomoka kuri Kristu umwungere umwe rudende, ukora muri twebwe,  ntituba tubona amashengero avuka irya n’ino kandi agatanguzwa n'abakirisu" ! Kwubaka ino Ngoro vyashobotse kuko mwakundanye ! Yasavye abakristu kubandanya berekana urukundo, ntihagire uwishima ngo jewe nijewe naterereye umuganda munini gusumba abandi. Yasozereye abasaba kubandanya n'iyindi migambi iteza imbere paruwase yabo mbere na Diyoseze yose kugira twese twerekane  umuvukano.

Twobamenyesha ko iyo Sengero isharije cane. Ivyo birori vyari vyatewe iteka kandi na Nyenicubahiro Musenyeri Blaise NZEYIMANA, umwungere wa diyoseze ya Ruyigi.

 

Patiri Vianney NDAYISHIMIYE