IBITARO BISHASHA I BUGENDANA: IKINDI CAMWA C'UBUCUTI BW'AMADIYOSEZE YA GITEGA NA EICHSTAETT.

IBITARO BISHASHA I BUGENDANA: IKINDI CAMWA C'UBUCUTI BW'AMADIYOSEZE YA GITEGA NA EICHSTAETT.

Mu bikorwa Ekleziya Gatolika ishira imbere, irateza imbere igihugu c’Imana ku mutima, ariko kandi ntiyigera yibagira iterambere ry’ubuzima mu biboneka! Niho tubona abungere bacu baronderera irya n’ino mu bamaze kunyurwa n’igikorwa c’Ikigongwe c’Imana yacu, uburyo bwo kubwakisha no gutunganya bimwe vy’akarorero amashure, amavuriro, ibitara vy’ibiti, indimiro n’ibindi. Nkako, iyo umutima mwiza uri mu mubiri mwiza, ni amata aba avyaye amavuta!

Umwepiskopi wa Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana ariko arahezagira ibitaro bishasha i Bugendana: inyuma yiwe (ku mpera) hari Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Thaddée Ndikumana, imbere naho hari Umukuru w'ivyo bitaro, Muganga Dieudonné HAKIZIMANA na Furera Albin. (Photo de A. Timothée Hakizimana © SERVICOM-GITEGA)

Mu mugambi wa Ekleziya Gatolika wo kwitaho amagara y’abantu, ivuriro rishasha (Clinique), ryarubatswe n’abakristu ku musozi Cunwe-Bugendana, muri komine Bugendana, Intara ya Gitega. Iryo vuriro ni icamwa c’ubucuti buri hagati ya Diyoseze gatolika nkuru ya Gitega (Burundi) na Diyoseze ya Eichstaett mu Budagi. Riri kw’iparuwase Cunwe-Bugendana rikaba ryitiriwe co kimwe n’iyo Paruwase nyene, aberanda babiri bavukana aribo Wilibaldo (umwepiskopi) na Walburga (umubikira).

Ku musi wa mbere, igenekerezo rya 11 ruhuhuma 2019, ku musi Mpuzamakungu ugira 27 wahariwe abagwaye, niho iryo vuriro risanzwe ryari ryaruguruwe n’umukuru w’igihugu, Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA (kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2018), ryahezagirwa icese ngo ritangure ibikorwa vy’ukubungabunga amagara y’abantu. Ibirori vyatanguwe n’inkuka ya Misa isaha zitatu n’igice z’igitondo, birongowe n’Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana. Yari  ahagatiwe n’icegera ciwe, Musenyeri Nestor Niyokindi na Patiri Mukuru wa Paruwase Bugendana, Patiri Privato Nduhirubusa kumwe n’abandi basaseredoti 20. Naho wari umusi w’imirimo, ishengero ry’abakristu ryari ryakinje. Ku rwego rw’igihugu, urubanza rwatewe iteka n’Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA, Umushingantahe Thaddée NDIKUMANA. N’abandi batumire b’icubahiro bari bahishikiye. Twovuga nka Buramatari w’intara ya Gitega, Venant MANIRAMBONA; Umunyamabanga mukuru w’Umugwambwe CNDD FDD, Général Evariste NDAYISHIMIYE n’umutambukanyi wiwe; Umushingamateka Georges NAHIMANA, umunyamabanga w’uwo mugambwe nyene i Gitega; abayobozi batandukanye mu vy’ubuvuzi n’abandi.

 

Mu nyigisho y’uwo musi, Musenyeri Simoni NTAMWANA yarashimikiye ku butumwa Papa Fransisiko yarungikiye abakristu bo kw’isi yose kuri uyo musi mpuzamakungu ugira 27 wahariwe abagwayi, aho agira ati: “Mwaronse ataco mutanze, none nimutange ata kiguzi musavye„ (Mat.10,8). Musenyeri Simoni yaribukije abavuzi kwisunga imisi yose “intango y’ubuzima„ ngo babone gukora neza umurimo wabo. Yarababwiye ati: “Iteka ry’uwugwaye ntirifatira ku gihagararo ciwe canke ku mafaranga ashobora kuriha duhejeje kumukiza! Rihagaze nyabuna kw’iteka ry’uko ari Umwana w’Imana„. Arongera ati: Ntihazogire n‘umwe muri mwebwe yibagira kurangurana ubwira ico ajejwe!

Hejuru: Umwepiskopi wa Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana ariko arashikirizwa utuganuke twahawe Clinique ya Bugendana ihejeje guhezagirwa. Munsi: uva i buryo uja ibubamfu, igice c’isengero, inzu z’abasaseredoti n’izababikira.  
(Photo de A. Timothée Hakizimana © SERVICOM-GITEGA)

Mu majamabo yashikirijwe n’umukuru w’Ishirahamwe ry’iterambere rya Diyosese ya Gitega ODAG-CARITAS, ari we Patiri Jean Berchimans NIBITANGA, iryashikirijwe na Buramatari w’intara ya Gitega hamwe n’iryashikirijwe n’Umushikiranganji w’amagara y’abantu, bose baragarutse ku gushimira Imana n’Umwepiskopi mukuru wa Gitega kuri iyo ngabirano y’agakura ije gusahiriza amagara y’abantu benshi. Baranakeje cane Musenyeri Simoni Ntamwana ku myaka 30 ashikanye yatiwe muri iryo banga ry’ubwungere, bongera barashimira abakristu bose, na cane cane ab’idiyoseze ya Eichstaett yo mu Budagi, bagize uruhara runini mu kwubaka ivyo bitaro, kumwe n’iyindi migambi imaze kurangurirwa aho i Bugendana: yaba isengero (yatwaye imiliyalidi zibiri z’amafaranga y’amarundi); bwaba uburaro bw’abasaseredoti n’ubw’ababikira; Ishure Fondamentale; umugambi w’amatara akoresha imishwarara y’izuba; umugambi w’uburimyi n’ubworozi, n’ibindi…

Twobamenyesha ko Clinique Wilibardo na Waliburga beranda, izokwitaho abantu bose ariko igashimikira ku kuvura ingwara ibangamira abakenyezi yitwa canseri yo ku rwinjiriro rw’igitereko. Twobamenyesha kandi ko Leta y’Uburundi ibicishije k’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yaterereye ivyo bitalo ibikoresho n’imiti biciye imiliyoni 23 z’amafaranga y’amarundi. Umushikiranganji Thaddée NDIKUMANA niwe yabishikirije. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi na we yari yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’itoni y’umuceri uzofasha abazoba bahagwariye. Ese umukama yobandanya akomeza kandi ahezagira ibikorwa vy’iminwe y’abiwe.


Patiri Timothée HAKIZIMANA