IYUGURURWA RY’UMWAKA WA YUBIRE Y’IMYAKA 50 YA PARUWASI MURAYI

IYUGURURWA RY’UMWAKA WA YUBIRE  Y’IMYAKA 50 YA PARUWASI MURAYI

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16/8/2020, paruwasi  Murayi yo muri Diyoseze nkuru ya Gitega, yari iramukanye urubanza rudasanzwe rw’iyugururwa rya Yubire y’imyaka mirongo itanu (50) iheze ibayeho. Iyo Yubire ikaba yuguruwe icese n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Musenyeri Simoni Ntamwana.

Urwo rubanza rwari rwitabwe n’abasaserdoti bavuye mu ma paruwase atandukanye, abasaserdoti b’imvukira z’iyo paruwase, abihebeye Imana, abamenyeshamana n’abakristu isinzi. Rwari rwatewe iteka kandi na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evaristo NDAYISHIMIYE, ari kumwe n’abajejwe intwaro, abashingamateka n’abakenguzamateka, n’abandi bajejwe amabanga atandukanye mu gihugu.

Uwo mukuru w’igihugu yari aramutse anashikiriza agasengero kitiriwe Umugabekazi w’amahoro, ubona ko n’iyo paruwase isanzwe yitiriwe Bikira Mariya Umugabekazi w’amahoro. Umukuru w’igihugu avuga ko ako gasengero yakubatse kuko umusi umwe yariko ararota abona ari kumwe n’abandi bagiye gusengera mu gasengero kari aho kuri paruwase Murayi, maze ngo bashikeho barakabura, aca arikangura. Niho yaciye asaba patiri mukuru wa paruwase Murayi ko yokwubaka ako gasengero mu buryo bwiwe bwite. Patiri Mukuru avuganye n’Umwungere Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega baramuha uburenganzira ako gasengero karubakwa.

Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega yarashimiye cane umuryango w’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuri iyo ngabire ashikirije paruwasi Murayi asanzwe avukamwo. Yaribukije ko iyo paruwasi yatanguye mu 1971 itangujwe n’abasaserdoti bera bavuye mu gihugu c’Ubutariyano bari kumwe n’ababikIra Bene Doroteya w’i Cemo bakoze bigashimwa n’ubu bakiriko. Tukizera ko mw’isozerwa ry’uwu mwaka wa Yubire tuzoba twigina ivyamwa vyakozwe n’abakristu ubwabo, ariko kandi n’aboba bari barahunye bugururiwe umwaka w’ikigongwe nk’uko Yubire isanzwe igaragaza ico kigongwe ku banyamuryango bose.

Urubanza rukaba rwarangiye mu kanyamuneza ntangere biginana. Turipfurije ukwinjira kwiza muri Yubire ku bakristu bose ba Paruwasi Murayi, ku bakristu bose ba Diyoseze nkuru ya Gitega na cane cane k’umuryango w’umukuru w’igihugu. Umuvyeyi Bikira Mariya, Umugabekazi w’amahoro ni adusabire !

Furera Deogratias Bukuru avuka muri Paruwasi Murayi