MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA, HARAYE HUGURUWE UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA WA 2020-2021

MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA, HARAYE HUGURUWE UMWAKA MUSHASHA W’UBUTUMWA WA 2020-2021

Hari kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 7/11/2020 aho hugururwa icese Umwaka w’ubutumwa wa 2020 ushira 2021 muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Inkuka y’imisa yo kwugurura uyo mwaka yatangujwe n’urugendo igihe c’isaha zine z’agatondo, irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana, umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega. Ikaba yahererejwe mw’Isengero mvyeyi Kristu-Mwami yo ku Mushasha.

«Twisunze inama y’umuryango wa Diyoseze yacu: duhinduke, twijukire kuremesha amahoro, kurekuriranira no gusubiza hamwe». Ico ni icivugo ndongorabutumwa muri iyi myaka itanu itanguye muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

Inyigisho y’Umwungere yari ishimikiye ahanini kukurekuriranira no gusubizahamwe. Yagize ati: «Ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe ni ubutumwa bumfata imisi yose». Yarongeye kandi ati Umukama yiteze kuri twebwe yuko twohanagurana amosozi. Ivyagiye biratubako vyose bizana amarira... tubwirizwa gushika kuri ico gitangaro c’izuka aho tuzova muri urwo ruhafu mukurekurira abatugiriye nabi. Tubwirizwa kwigana Dawe wa twese wo mw’ijuru kuko aduharira ataduharuriye. Iyi myaka itanu ibwirizwa kutubera imyaka y’igitangaro c’urukundo. Ikigongwe dutanga kiraheza kikagira  bashasha abacakiriye.

Uyo mwepiskopi yabandanije agira ati tukaramuka turekuriraniye neza, mugenzanje azocika ijuru. Ukurekuriranira nikwo kuvyara ijuru. Ukurekuriranira niko kazoza.  Yaratumiriye abari aho kurabira akarorero kuri Yozefu mwene Yakobo tubwigwa n’igitabu c’Amamuko, we yashoboye kurekurira benewabo bari bamugurishije mu Misiri. Yaramenyesheje abakristu ko, muri Diyoseze nkuru ya Gitega, hatanguwe ikiringo c’imyaka itanu yahariwe kugerageza gushira mu ngiro ivyavuye mu Nama nkuru y’umuryango wa Diyoseze yashashe kuva mu 2009.

Twobamenyesha ko umwaka umwumwe wose uzogira icivugo ndongorabutumwa cawo. Uno mwaka w’2020-2021, tuzorongorwa n’iki civugo: «Twisunze inama y’umuryango wa Diyoseze yacu: dutsimbataze umugambi n’ubutumwa vyo kwitunganiriza Paruwase na Diyose».

 

Patiri Vianney NSHIMIRIMANA