MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA, INGENDANYI ZARAYE ZIHIMBAJE YUBIRE Y’IMYAKA IJANA

MURI DIYOSEZE NKURU YA GITEGA, INGENDANYI ZARAYE ZIHIMBAJE YUBIRE Y’IMYAKA IJANA

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10 Nzero 2021, ku musi mukuru w’Ibatisimu y’Umukama, umusi usozera igihe ca Noheri, niho abahurikiye mu Muhari w’Ingendanyi muri Diyoseze nkuru ya Gitega, bahimbaza Yubire y’imyaka 100 iheze uyo muhari ushitse aha iwacu mu Burundi. Inkuka ya Misa yabereye mw’isengero mvyeyi iri ku Mushasha, ikaba yari irongowe n’umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA.

Mu nyigisho y’uwo mwungere, yagize ati «Tubwirizwa kuba abakristu beza niho tuzoshobora kuba abagendanyi beza ba Yezu Kristu». Hari isinzi ry’abantu: abasaserdoti, abihebey’Imana n’abakristu. Hari kandi n’abashitsi batari bake bari baje kubafasha kwigina iyo Yubire; muri bo, umwibutsamana w’uyo muhari ku rwego rw’igihugu patiri Seth REMESHA asanzwe arangurira ubutumwa bwiwe muri Paruwasi ya Musaga iri muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura.

 

Twobamenyesha ko mu ntumbero yo kuguma bibuka iyo Yubire, ikaguma na ntaryo mu mitima y’abari muri uwo muhari eka mbere n’abakristu bose, imbere y'isengero nkuru ya Diyoseze harashinzwe igishusho ca Tarasisiyo Mweranda.

 

Patiri Vianney NDAYISHIMIYE