NAJE KUGIRA NGO INTAMA ZIRONKE UBUZIMA, KANDI UBUZIMA BWUZUYE (Yohani 10, 10)

NAJE KUGIRA NGO INTAMA ZIRONKE UBUZIMA, KANDI UBUZIMA BWUZUYE (Yohani 10, 10)

Hari kuri uyu w’Imana igenerekerezo rya 4/7/2021, ku kirimba c’umuvyeyi Bikira Mariya Nyina w’Ikigongwe kiri ku Mushasha, aho hahimbajwe yubile y’imyaka 75 iheze nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana, umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega avutse. Akaba ari nawe yari arongoye Inkuka ya Misa yatanguye igihe c’isaha zine n’inusu (10h30).

Mw’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe n’umusaserdoti arongoye ico kirimba, yarahaye ikaze abari bitavye urwo rubanza, agira ati ni iteka dutewe ryo kwakira impundu ya yubile iza gutererwa muri iki kibanza. Yasabiye umwungere ko ingabirano za yubire zosigasiga uyo mwungere. Yagiriyeko anabereka ubukene buri muri ico kirimba ku bijanye n’inyubako kugira ngo abaje gusenga biyumve kuruta kandi bashobore kuronka aho barara mu gihe vyoba bikenewe canke hakubakwa inzu y’amanama.

Mu nyigisho yiwe, umwungere nawe yagize ati : « Umuntu wese mu kanya kose aciye kuri iyi si ni ingabirano y’Imana y’imbonekarimwe, tuyakirane urukundo ». Asubiyemwo izaburi ya 117 canke 118 yagize ati : « Nimushimagize umukama kuko ubuntu bwiwe ari ubw’Imyaka yose ». Yarasavye Imana ko yomugabira kwigura abana bayo, iyo bava bakagera, ntihagire n’umwe azimira kandi yaramunshinzwe. Yarayisavye ko yomugabira ubutore bwayo kugira ngo nawe ashobore kurondera adatezuka ubutore bwayo. Ukuramba si ivya muntu, igikorwa kinini ni ic’imana, ahandi naho ni ahabandi bantu.

Yarongeye avuga ko uwo musi ari akaryo keza ko gukengurukira abo bose bagize ico baterera mu buzima bwiwe: «Umuntu wese n’aho yoba imbanyi y’umusi umwe ; n’aho yoba uwatugiriye nabi ni ingabirano Imana iha umuryango w’abantu. Imana yamureranye agashusho kayo, katigera gatituka na rimwe. Umwumwe wese muri twebwe arabwirizwa kwunganira mwenewabo. Nta muntu w’imburakimazi, ntawe..., umuntu wese ni imboneka rimwe, ni ingabirano duhawe ubu, tuyakiriye turayivyaza ibindi vyishi, tuyikengereye naho turayihomba gushika ku muhero w’isi, mbere Imana ikazoyitubaza. Urukundo ni bwo buryo bumwe rudende bwo gusangira uwo dusangiye na Rugira igira ibibondo, niyo nzira ishikana kwa mwenewanyu.

Mu mpera y’Inkuka ya Misa, kabaye akaryo keza ko guha ijambo umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE. Aho yavuze ko atari kureka kuza kunezerwa hamwe n’umwungere bashimira Imana yo yatanze umuntu tuvomamwo ivyiza vyishi. Yarongeye arakeza cane uwo mwungere kuko yaciye muri vyishi kandi ko yanabonye igice c’intwaro ya gikoroni, ko yanabonye kandi ukuntu abarundi bo hambere birondera, mbere bikavyara amatati muri bene burundi. Yahamagariye abari aho kurema muri bo kuko umurundi mushasha, azira amacakubiri.

Yarabandanije ati: «Umusi wose ni intabwe nshasha kandi intabwe nshasha ni inguvu nshasha. Uno musi utanguye intabwe nshasha kandi uzanye inguvu nshasha. Tukuzeyeko vyishi kuko utanguye intambwe nshasha». Kw’izina ry’Abarundi yaramukengurukiye ku vyo yakoreye igihugu, anakengurukira na Ekleziya Gatolika ku vyo yama ikora, canecane ibicishije mu gisata cayo ca ODAG-caritas.

Imisa irangiye, urubanza rwabandanirije mu kindi kibanza ahari hateguriwe inzimano. Ni muri ico kibanza nyene hatangiwe utuganuke bashikirije Umwungere, aho hari imiryango itari mike, muriyo umuryango w’umukuru w’igihugu, uwa Adolphe Nshimirimana, Uwa Vénérand Ntikazohera n’uwa Hon. Constantin, bamugabiye imodokari yo mu bwoko bwa V8 nshasha, ishirahamwe ODAG naryo rimushikiriza intama 25, ikimenyetso c’imyaka amaze aragira ubusho muri Diyoseze nkuru ya Gitega.

Twobamenyesha ko urwo rubanza rwari rwitabwe n’abanyacubahiro benshi duhereye ku mukuru w’igihudu cacu nyene, uwahoze arongoye Uburundi, perezida Sylvestre Ntibantunganya, umushikiranganyi wo gufatana mu nda, uw’ubutungane, nabandi benshi. Imana ibandanye ikomeza umwungere wacu nawe abashe gukomeza ubusho yaragijwe.

Patiri Vianney N.