PUERI CANTORES YARAYE IVUTSE MURI PARUWASI MWUNGERE MWIZA (SHATANYA)

PUERI  CANTORES  YARAYE  IVUTSE  MURI  PARUWASI  MWUNGERE  MWIZA (SHATANYA)

«Mwabaye aba pueri kubera ibatisimu yanyu mwaronse. Muraheza rero mubere umuco abandi bana».



Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 12 Nzero, muri Paruwasi yitiriwe Umwungere Mwiza iri mw’i Shatanya, hari akanyamuneza kadasanzwe. Wari umusi w’aho havuka Pueri Cantores yo muri iyo Paruwasi. Abana 68 bakaba baragize indagano bashigikiwe n’Umwungere mukuru wa Diyoseze Nyenicubahiro Musenyeri Simoni Ntamwana hamwe n'abandi bana b'aba pueri benshi cane bari baje bava mu maparuwasi 7 y’aha mu gisagara ca Gitega.


Nk’uko wari umusi mukuru w’Ibatisimu y’Umukama, mu nyigisho yashikirijwe n'Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega, yashimikiye kw’Ijambo ry'Imana ry'uwo musi ati :

«Bane banje, ibatisimu yacu iduhamagarira kuja ku butumwa. Yezu ntiyagiye kuri Yordani kubatizwa ngo n’uko yari abikeneye, nta gicumuro yari afise co kwigaya. N’aho yari yabaye umuntu nkatwe, yashatse kwerekana ko ari kumwe n’abantu bico gihe. Umusi Yezu abatizwa, twaciye turonka intahe tutari tuzi aho Mana Data yagize ati : "Uyu n'Umwana wanje nkunda cane, muri we nahasanze ibinezereza vyose". Mutima Mweranda nawe aca amwururukirako mu kimenyetso gisa n'inuma. Ivyo bikatwereka ko Ubutatu bweranda buri hamwe kandi buri ngaho ngo bafatanye na Yezu urubanza. Natwe rero tubatizwa muri ubwo Butatu bweranda nyene. Kuva uyo musi Yezu ntiyasubiye i muhira, yaciye atangura ubutumwa: akiza abarwaye, abohora ababoshwe n'ibicumuro, n’ibindi. Ubwo butumwa yabusozerereye ku musaraba. Mweho rero bane bacu muje kugira indagano muri Pueri Cantores, mutegerezwa gushira imbere ibatisimu yanyu muri ubwo butumwa mwiyemeje bwo gukorera Imana. Mwabaye aba pueri kubera ibatisimu yanyu mwaronse. Muraheza rero mubere umuco abandi bana. Ndabifurije umusi mukuru mwiza, n'umwaka mwiza w'ubutumwa. Murakoze».

Twibutse ko Pueri Cantores, muri Diyoseze nkuru ya Gitega, ari uburyo bwo kwegeranya abana batobato ngo babamenyereze ubutumwa muri Ekleziya bihereye mukubacisha m’umurwi w’abaririmbira-Mana. Bafatwa rero nk'umuhari kuko baragira indagano mugutangura.

Patiri Théophile NDAYIMIYE