UKWUGURURA UMWAKA W'UBUTUMWA MURI PARUWASE RUSAMAZA WA 2023-2024

 UKWUGURURA UMWAKA W'UBUTUMWA MURI PARUWASE RUSAMAZA WA 2023-2024

Kw’igenekerezo rya 12/11/2023, muri Paruwase Rusamaza, Diyoseze Nkuru ya Gitega, haruguruwe Umwaka w'ubutumwa w' 2023-2024. Ivyo birori vyabereye mu Nkuka y'Imisa ya kabiri birongowe na Patiri mukuru Yozefu BIGIRIMANA. Abari imbere y'abandi yari komite y’inama nkuru ya Paruwase, inshingwamuryango zo mu bisata vyose, abaserukira imihari n'imigwi yose y’ubutumwa yo muri Paruwase, abaserukira urwego rw'abakristu balayike. 

Mu nsiguro yiwe, yaribukije ko icivugo c'umwaka uheze cadutumirira kunywanisha rwose liturujiya n'ubuzima bwacu. Yamara yamenyesheje ko ico civugo kitahereye aho ahubwo nyabuna ko ari ukubandanya kugishira mu ngiro mu buzima bwa misi yose. Yaciye asomera abakristu inyigisho y'Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, yugurura icese umwaka w’ubutumwa.

Icivugo c'uyu mwaka kigira kiti:"Twisunze Inama y'umuryango wa Diyoseze yacu: dukundire Yezu Kristu atunywanishe nawe, dushobore kurekuriranira no gusubiza hamwe".

Igihugu cacu caciye muri vyinshi bibi vyagifutanije: ehe rabe intambara z'urutavanako, urwanko mu bantu, ukwikekana uburozi, abarara ku mugono abandi.... Ivyo vyose bidusigamwo ibikomere ni co gituma kurekuriranira no gusubiza hamwe ari ngombwa. Ni umuti urura ariko uranyobwa kugira dushobore kwubaka ikibano ciza kizira uburyarya.

Innocent NDIHOKUBWAYO.