UMUSI MUKURU WA EPIFANIYA WARAHIMBAJWE NEZA MURI PARUWASE RUSAMAZA

UMUSI MUKURU WA EPIFANIYA WARAHIMBAJWE NEZA MURI PARUWASE RUSAMAZA

Kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2023, umusi mukuru wa Epifaniya warahimbajwe mu kanyamuneza ntangere muri Paruwase ya RUSAMAZA yo muri Diyoseze nkuru ya Gitega. Ibirori nyamukuru bikaba vyabereye mu Nkuka ya misa yaherejwe na patiri mukuru w’iyo Paruwase Audace NZOPFABARUSHE.

Ivyo birori vyatanguwe n'urugendo rw'imikangara y'ibisata bine bigize Paruwase aho iyo mikangara yagenda irasamiriza indirimbo zitandukanye zihayagiza Umwami w'abami.

Mu nyigisho yatanzwe na patiri Mukuru, yabanje gusigura ico ari co Epifaniya agira ati “epi” gisigura: hejuru “faniya” naco gisigura: kuboneka. Yarongeye arasigura "umukangara" ico ari co ko yari umusore batora hanyuma akagendanira umuganwa. Nyakwubahwa patiri mukuru yaciye asaba imikangara ko yosayangana nk'inyenyeri, ko Umwami yavutse ari Umwami w'abami adasobanura. Ko uwamaze kumumenya nawe yoca aja kumumenyesha abataramumenya. Uwo muco rero uwabatijjwe wese ategerezwa kuwugendera.

Twobamenyesha uwaserukiye Imikangara yaribukije ubutumwa bw'imikangara ko ari ubwo gushikiriza Inkuru Nziza, guha abana indero rukristu n’indero runtu, gufasha abandi bana batishoboye, kubera abandi akarorero keza mugukunda Imana no gukunda ibikorwa.

Jean Marie NIYONGABO