AMAHWANIRO Y’URWARUKA NI AKARYO KO KWIMENYEREZA KUBANA NEZA N’ABANDI

« Ese twese tworima imbuto y’amahoro no gusubiza hamwe, imbuto yo gusangira ata wandya wangura ivyo Imana yadusangije ndetse n’uwugiye imbere y’abandi abe umusuku. Aho niho tuzoba turiko dutegura kazoza keza k’igihugu cacu ».

Amahwaniro y’urwaruka ni ibibanza bibereye, urwaruka rwigiramwo vyinshi. Hambavu y’inyigisho bashikirizwa, hari n’ubundi buryo biga kubana n’ukwakirana mu budasa bwabo. Ivyo birabonekera cane cane mu kwakirwa mu miryango itandukanye, nabo bakemera kwakirwa n’abo batazi. Ariko ivyo vyose bakabigira mu rukundo no mu kuri ataco binona. Erega ico ni ikimenyetso c’ukwemera n’ukwizigira, kuko uba uzi ko wakiriwe n’umukristu nkawe bikagutuma rero wizera ko ata nabi yokugirira.

 

Ni ikimenyetso ciza cobera n’akarorero abarundi bose, aho usanga twinubana kuko tudasangiye ibi canke biriya, kuko tutava hamwecanke tudasangiye uburanga. Urwaruka rurabitwereka batarinze kuvuga vyinshi. Tworeka kuguma mu ndoto za kahise tuvuga duti “ba sokuru barakundana”, n’ubu bishoboka kuko twabigerageje kuko urwo rwaruka rurabitwigisha.

Ahandi naho, twirirwa turaryana dupfa amatongo, dupfa amatungo, dupfa ivyo duhabwa kubw’ibibanza dufise mu ntwaro, dupfa inda. Ariko wihweje uko urwo rwaruka rusabikanya vyinshi canke bike bahawe, bakagaburirwa n’umwe muribo ata mutima usimba ngo barandenganya, vyoduha umwizero ko gusubiza hamwe n’ugusangira itunga rusangi bishoboka. Na kare ngo imbuto itewe niyo imera kandi niyo yimburwa.

Ese twese tworima imbuto y’amahoro no gusubiza hamwe, imbuto yo gusangira ata wandya wangura ivyo Imana yadusangije ndetse n’uwugiye imbere y’abandi abe umusuku. Aho niho tuzoba turiko dutegura kazoza keza k’igihugu cacu.

Twokwibutsa ko iryo hwaniro ry’urwaruka ryabereye muri Paruwasi Masanganzira, Diyoseze ya Muyinga kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika 14/8/2019, inyuma y’ihwaniro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu ryari ryabereye i Ngozi.

Patiri Evariste Harerimana
Umuyobozi wa SAVACOM