DIYOSEZE GATORIKA YA MUYINGA YARAYE IGABANYE ABASESERDOTI.

« Ntimukigere musasira indava urwanko mu mitima yanyu, murabe nyabuna ba ngingo z’urukundo ruzira ishari n’ubumwe butari urugoto. Ku bwiwe mubere abo muzoshingwa ba ngingo z’iterambere ritarika abantu kandi ridahereza ku cobo ».

Diyoseze katorika ya Muyinga yaraye igabanye ingabire y’abasaseredoti bane n’abadiyakoni icenda. Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Mukakaro, muri Paruwase yitiriwe Mubikira atananirwa ya Gisanze.



Mu nyigisho Umwungere yashikirije abatirwa kumwe n’igihugu c’Imana cari casidukanye n’iyonka gushigikira n’ugusabira abo batumwa bashasha, yaribukije ico batiriwe. «Uburongozi bw’igihugu c’Imana bushingiye kw’ibwirizwa rishasha rimwe Kristu ubwiwe yaduhaye, rya bwirizwa ry’urukundo. Mu kwatirwa muhabwa iharama ya Kristu, Umwungere n’Umutwe w’Ekleziya. Ni ugukundira rero Kristu abagire ba ngingo z’iteka ry’abo muzoshingwa bose. Muhorere kuzirikana ko iryo teka rishingiye ku gashusho k’Imana baremanywe rikuhirirwa n’inema y’ibatisimu bahawe…Kristu mwamenyeshejwe mukamwemera kandi mugaheza mukimenyereza kumugendanira, agira abasangize ku busaserdoti bwiwe bwarangukiye ku musaraba. Ntimukigere musasira indava urwanko mu mitima yanyu, murabe nyabuna ba ngingo z’urukundo ruzira ishari, n’ubumwe butari urugoto. Ku bwiwe mubere abo muzoshingwa ba ngingo z’iterambere ritarika abantu kandi ridahereza ku cobo. Muheze rero mwame mwitwararitse kubakaburira kurigendera mw’ibanga ry’imitima yabo nukugira isuku aho baba no muburyo bifata ».

Twobamenyeshako muri urwo rubanza nyene, abasore batandatu bahawe ubutumwa bw’ubukorezi, abandi icenda bahambwa ubw’ubusomyi bw’Ijambo ry’Imana. Tubipfurije bose ubutumwa bwiza mu murima w’Umukama.

 

 

Abbé Evariste HARERIMANA