UMUSALABA W’URWARUKA WARAYE UTANGUYE URUGENDO RWAWO MURI DIYOSEZE YA MUYINGA

« Uyo musalaba warakabuye ukwemera kwa benshi, abakristu bahunye barakomoje amasakramentu, abantu barasubiza hamwe batacana uwaka, abandi barakura mu rukundo bakunda Ekleziya…, abahora ari abapfumu barataye ibigirwamana n’ibintazi, abagwayi benshi barakira, ndetse n’ivyo twokwita ibitangaro birakoreka (mu gihe vyokwemezwa n’Ekleziya), n’ibindi ».

Hari kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 28 Nyakanga aho Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura akaba ari nawe ahagarariye Umuvyeyi wacu Papa muri Diyoseze ya Ngozi, yashikiriza Umwepiskopi wa Diyoseze ya Muyinga Umusalaba w’Urwaruka, ku rubibe izo Diyoseze zihana ku Masanganzira.

Uyo musalaba ukaba wari waje uherekejwe n’abasaserdoti, abihebeyimana n’isinzi ry’abakristu bavuye i Ngozi aho basanganiwe n’abavukanyi babo bari baje kwakira uyo mushitsi w’iteka aje kumara umwaka wose aramutsa amaparuwase atatse Diyoseze ya Muyinga. Eka akanyamuneza kari gahari ntiworavye : imvyino, indirimbo, intambo vyose bishimagiza Urukundo rw’Imana yatugaragarije ku musalaba wa Yezu Kristu nivyo vyasamirana.

 Mu majambo yahashikiririjwe, Umwungere ahagarariye Diyoseze ya Ngozi yaramenyesheje ko uyo musalaba wakoze ibitangaza vyinshi naho ibitari bike Umukama abikora mu gacerere. Mu bishobora kugaragara, uyo musalaba warakabuye ukwemera kwa benshi, abakristu bahunye barakomoje amasakramentu, abantu barasubiza hamwe batacana uwaka, abandi barakura mu rukundo bakunda Ekleziya, amashikanwa ariyongera ndetse akaba arinayo yafashije gutunganya ihwaniro ry’Urwaruka ku rwego rw’igihugu riheruka kuhabera, abahora ari abapfumu barataye ibigirwamana n’ibintazi, abagwayi benshi barakira, ndetse n’ivyo twokwita ibitangaro birakoreka (mu gihe vyokwemezwa n’Ekleziya), n’ibindi. Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, yaboneyeho rero kuwushikiriza Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga amusaba kuwubungabunga gushika nawe awushikirije iyindi Diyoseze izoba igezweho. Uyo mwepiskopi wa Muyinga yarabakeje ku vyiza bagabanye. Arashima ukuntu baje ari benshi baherekeje uyo musalaba aranabemerera ko bazowubungabunga ariko cane cane bakawushengerera ngo nabo babandanye bamura ivyiza bikomoka ku rugendo rw’uwo musalaba wa Yezu Kristu.

Twobamenyesha ko uyo musalaba w’urwaruka wahezagiwe n’Abepiskopi b’Ekleziya y’Uburundi mu mwaka w’2007 aho bari bakoraniye ku murwa mukuru wa Diyoseze ya Ngozi baraheza bawushikiriza urwaruka. Waciye utangura kugendera amadiyoseze yose. Ubu uyo musalaba ukaba uriko urahetura amadiyoseze yose. Ese rero ivyiza wagiye urarangura aho uciye hose vyokomeza kwigaragaza no muri Diyoseze ya Muyinga narirya ushitse mu gihe iyo Diyoseze iri mu mwaka wa Yubire yayo y’imyaka mirongo itanu imaze ishinzwe.

Patiri Evariste Harerimana

Umuyobozi wa SAVACOM