ISHURE RY’IMYUGA «VITTORE DE ROSSO» RYARAYE RYUGUWE KU NTEGA

ISHURE RY’IMYUGA «VITTORE DE ROSSO» RYARAYE RYUGUWE KU NTEGA

Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 22 nzero 2022, niho Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye yugurura icese Ishure ry’imyuga ryitiriwe «Vittore De Rosso» ryo ku Ntega. Ibirori bikaba vyatanguwe n’Inkuka y’Imisa yahererejwe mw’isengero nkuru ya Paruwase Yohani Bosiko Mweranda ya Ntega isaha zine n’igice zo mu gitondo.

Iryo shure ryatanguranye n’uyu mwaka w’ishure wa 2021-2022. Ryatanguranye Igisata kimwe cigisha ubuhinga bw’Amabanki n’ugukinga impanuka (Banque et Assurance), ariko nk’uko Umuyobozi  w’iryo shure, Patiri Venansi HABARUGIRA yabishikirije, bakazobandanya bongereza ibisata vy’Imyuga kugira rifashe urwaruka rushaka kwiga kugira amahitamwo menshi. Ico gisata c’Amabanki n’Ugukinga impanuka kikaba ari gishasha mu mashure yose ari mu Ntara ya Kirundo, ariko kandi kigatangurira mw’iryo shure rije rifasha abahiga kwiga bafise uburaro ngaho nyene. Nta nkeka ko umwimbu uzoba mwiza. Iryo shure rikaba ryatanguranye n’abanyeshure 79, abahungu 44 n’abigeme 35.

Mw’ijambo ryo kugurura iryo shure,  Nyenicubahiro Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga, yaramenyesheje abari bahari ko iryo shure turikesha ukwitanga kw’umuryango usigwa  na Patiri Vittore De Rosso. Nkako uyo musaseredoti yamuka mu gihugu c’Ubutaliyano niwe yabaye uwa mbere yarongoye iyo Paruwase ya Ntega kuva igihezagirwa na Musenyeri Albino Luciani, -Umwungere wa Diyoseze Vittorio Veneto mu Butaliyano -, mu 1966, abiherewe uruhusha na Musenyeri Andreya Makarakiza yari arongoye Diyoseze ya Ngozi.

Uyo Musenyeri niwe yahavuye atorerwa kuba Papa Yohani Paulo I mu mwaka w’1978. Patiri Vittore De Rosso niwe rero yaciye aragizwa iyo Paruwase igihe kingana n’imyaka icenda  yose ari Patiri mukuru waho. Ni kubw’iyo mvo rero umuryango wiwe washatse kugira ikimenyetso co kwibutsa ico gihe yahabaye arangura ubutumwa, maze Diyoseze ihitamwo ko bokwubaka ishure ryorerera Ekleziya n’igihugu cacu, rikaramura incabwenge. Nkako, ivyo biri mu ntererano Ekleziya ihamagariwe gutanga ngo ikirurutse umuntu, ashobore gushikira igihagararo kibushitse.

Abafashe amajambo bose, uhereye kuwuserukira abavyeyi barereye kuri iryo shure, uwushinzwe inyigisho mu Ntara ya Kirundo, uwari yaserukiye Abashingamateka batowe mu Ntara ya Kirundo, bose barashimye iyo ngabire ya Diyoseze. Bipfuza ko inyigisho n’indero birimwo akanovera vyamye bitangwa mu mashure yegukira Ekleziya ko arivyo biteze no muri iryo shure ritanguye ngaho ku Ntega kandi nabo biyemeje kurishigikira kuko ari iryabo.

Dusozere tubabwira ko iryo shure ry’Imyuga «Vittore De Rosso» ko ari ishure ryegukiye Diyoseze ya Muyinga muri vyose. Twipfurije abarezi n’abarerwa kuroranirwa n’ugutera imbere ku mutima no ku mubiri kuko arico Imana ishaka.

 

Patiri Evariste HARERIMANA, umuyobozi wa SAVACOM