MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA MUYINGA TWARAYE DUHIMBAJE EPIFANIYA Y’UMUKAMA

MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA MUYINGA TWARAYE DUHIMBAJE EPIFANIYA Y’UMUKAMA

Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 3 Nzero, niho twahimbaza Epifaniya y’Umukama. Kuri uyo musi mukuru niho Imikangara y’Imana igira umusi mukuru wayo ikanarungikwa mu butumwa bwayo bwo gushikiriza umuhezagiro w’akana Yezu ingo  n’imiryango. Uyo musi  wahimbarijwe icese muri Katedrali ya Muyinga mu Nkuka y’Imisa ya gatatu yari irongowe n’Umwungere wa Diyoseze yacu ya Muyinga Nyenicubahiro Musenyero Yohakimu NTAHONDEREYE.

Uyu mwaka, uyo musi  mukuru wahimbajwe ku buryo budasanzwe. Nkako Paruwase yose yari yaserukiwe n’imikangara iri  hagati ya 20 na 30, baserukiye abandi ngo barungikwe icese n’Umwungere mu butumwa bwabo butangurana n’uyo musi wa Epifaniya bukabandanya mu kwezi kwose kwa Nzero.

Mu nyigisho yiwe, Umwungere yaribukije ko iyi Epifaniya tuyihimbaje twinjiye mu gihe c’imyaka 5 ibategurira  guhimbaza Yubile y’Inzahabu Igikorwa ca Papa c’Imikangara y’Imana gishitse ngaha mu Burundi. Nkako, ico gisata catanguye mu Burundi ku wa 6 Nzero 1975 muri Diyoseze ya Bujumbura, gitangujwe n’umuhisi Musenyeri Mikaheli Ntuyahaga.

Umwungere rero yarabwiye Imikangara  icivugo c’iyo Yubile yabo : « Umwana wese yabatijwe n’umutumwa wa Yezu Kristu kw’isi yose ».  Niko kubabwira ati : « Tubatumiriye rero Mikangara y’Imana kuba akarorero keza  mu ngo aho mubaye. Twipfuzako  abana bose babatijwe bokwinjira muri uyo mugwi ngo ubafashe gukurana ukwemera n’umutima wo gukunda ubutumwa ».

Umwungere yaciye yibutsa abana b’Imikangara y’Imana bari aho ibikorwa bitatu bitegekanijwe ari navyo  bogerageza kwitwararika muri iyi myaka itanu irongora ihimbazwa rya Yubile :

  • Kuronderera abagenzi Yezu. Umwana wese ategerejwe kurondera n’imiburiburi umwana umwe yinjiza mu mugwi w’Imikangara y’Imana.
  • Gusenga kenshi mu kuvuga umurongo w’ishapule musabira abandi bana bagowe.
  • Gukunda ibikorwa cane cane mu gukunda kwiga ngo mutegure kazoza keza.

Ahajeje guhezagira inyenyeri, Umwungere yasozereye  Inkuka ya Misa arungika icese abo batumwa b’Umukama yongera kandi anatumirira ingo n’imiryango izobabona babagana kubakira no kubaha agafashanyo kazoshigikira ubutumwa bwa Papa mu gufasha abandi bana  bagowe. Inyuma y’iyo nkuka ya misa, abana baciye basangira inzimano z’uyo musi mukuru.

Twobamenyesha ko  abo bana bari baje baherekejwe n’indemesha zabo zo mu ma paruwase kumwe n’abasaserdoti bashinzwe indero-runtu na rukristu.

Patiri Evariste Harerimana

SAVACOM