UMUSI MUKURU WO KWONSA MW’ISEMINARI YA MUYINGA

UMUSI MUKURU WO KWONSA MW’ISEMINARI YA MUYINGA

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo, mw’Iseminari ntoya ya Muyinga,  bari baramukanye umusi mukuru uhambaye cane wo Kwonsa (« Siku ya kunyonyesha » mu rurimi rw’Igiswahiri) bongera bahimbaza umusi mukuru wa Papa Piyo w’10 Mweranda, umuvunyi w’iryo rerero. Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’Umwungere wa Diyoseze Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, ari nawe yarongoye inkuka ya Misa y’uwo musi.

 

Umusi mukuru wo Kwonsa, -Siku ya Kunyonyesha-, nk’uko tubishikirizwa n’umuyobozi w’iyo Seminari ntoya Patiri Yohani Berchmansi RIVUZIMANA, bawurahuye  mu Maseminari yo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Uyo Musi uhuza abavyeyi b’amaraso, abarezi n’abarerwa, bagaheza bakumva ko basangiye ibanga ryo kurera no kuregwa. Ikindi uyu musi umaze ni uko utuma umwimbu wongerekana ku barerwa kuko abana baheza  bakiga batekaniwe nkako barumva ko bashigikiwe hirya no hino. Eka mbere, unatuma abavyeyi babona ko ishure barereyemwo ari umuryango kuko ubarereye, bagaheza bakumvako basangiye ico gikorwa gihambaye co kurera.

Kuri uyo musi wa gatandatu rero, abavyeyi bari basidukanye n’iyonka baje kuramutsa ibibondo vyabo, aho basanganijwe impundu, akanyamuneza n’indirimbo ku rwinjiriro rw’iryo Shure. Abarundi bati : «Ese ukwibonera abavyeyi, ese kwibonera ibibondo»! Baje bikoreye ibikemanyi vyuzuye ibintu vy’ubwoko butandukanye vyo gufasha abana barerewe muri iyo Seminari : Imifuko y’imiceri, imifuko y’isukari, amata y’ifu n’ibindi. Emwe,  n’imvukira za Bujumbura zirereye muri iyo Seminari zariyungunganije ziraterera igikono co kubika amazi angana n’amalitiro ibihumbi cumi, hamwe n’icuma co kugwiza impapuro (Photocopieuse) ; hari n’abatanze amabati yo gusakara utuyira dufatanya amazu ngo  abana babo baronke aho baca batanyagiwe mu gihe c’imvura.

Mu nkuka ya Misa, Umwungere yaribukije uruhara rw’abavyeyi n’abigisha-barezi mukurera abana bunze ubumwe ati : «Uko dukoraniye ngaha, jewe nk’Umwungere wa Diyoseze, abaserdoti dusangiye kuyobora uyu muryango, abihebeyimana muri ngaha, namwe bavyeyi mwatuzaniye ibibondo vyanyu none mwaje kubonsaiciza kirangukira mw’iyi Seminari tugikesha ukwitanga kw’umwumwe wese muri twebwe. Ni igikorwa c’Ekleziya, kuko  Umwana si uwumwe. None rero, duhamagariwe kugira urunani mu ndero y’ivyo bibondo. Nkako, Umuntu abaho kubw’urukundo Imana yabivye mu mutima w’abavyeyi,  Umuntu yamuka ku rukundo ntakoroka ava mu bicu. Yakirwa n’abavyeyi, akarerwa mu rukundo, agakuzwa n’urukundo, ngo nawe aheze arugendere mu buzima bwiwe bwose. None rero bibondo vyacu, tubarera ngo mukire muheze mube abakiza b’abandi, ngo nabo bumve ko bafise iteka bubahiwe». Yasozereye atumirira abana kwiyumva kuko bashigikiwe n’abigisha-barezi, abavyeyi babibarutse, abasaserdoti n’abihebeyimana bose, kandi ko basenyera ku mugozi umwe kubw’ineza yabo.

Inyuma ya Misa,  ibirori vyabandanirije mu kigo ca « Bar du Petit Séminaire » aho abana biginye abavyeyi babo, mu ndirimbo, imvyino n’ivyese vyagaragaza umunezero wari ubuzuye. Vyanagaragariye kandi mu gusangira inzimano z’uyo musi, aho buri muvyeyi yaba yicaranye n’umwana wiwe. Abafashe amajambo bose, barakengurutse cane kuri ako  karyo babahaye ko kubona akamaro k’ukugira urunani mu ndero y’urwaruka rwacu, mbere bakabona ko ari akarorero keza n’ayandi mashure yokwabura.

Umwungere yaboneyeho akaryo ko gushikiriza urupapuro rw’iteka (Certificat d’Honneur), umwigisha Pascal Hatungimana yaraye akukurutse inyuma y’imyaka 25 akorera muri iyo Seminari nk’umwigisha w’ururimi rw’igifaransa. Kabaye n’akaryo kandi ko gukeza abanyeshure babiri, Tuyizere Yves na  Kaze Don de Dieu kuko muri ca kibazo ca Leta gisozera umwaka w’icenda bakimenye n’amanota arenga 90 kw’100. Umwungere akaba yabemereye kwiga igice ca kabiri c’ishure  batarishe amafranga y’Ishure.

Twobamenyeshako uyo musi mukuru wo Kwonsa bubaye ubugira kabiri uhimbazwa muri iyo Seminari. Umwungere, abisabwe n’abavyeyi kumwe n’abarezi n’abarerwa, yashinzeko uwo musi woza urahimbazwa buri mwaka ukajana kumwe n’ukwibuka Umuvunyi w’iryo Rerero, Papa Piyo w’10.

 

 

Patiri HARERIMANA Evariste

Umuyobozi wa SAVACOM