UMWUNGERE WA DIYOSEZE YARAYE ASHIKIRIJE ICESE IVYAVUYE MU NAMA Y’UMURYANGO

« Iki gitabu rero kirimwo ivyo twashikanyweko n’Inama yambere y’Umuryango wa Diyoseze yacu, kiratubera twese isoko tuvomamwo inyigisho nkaburashaka n’ingingo-nyobozi bidufasha kuba Ekleziya ishize hamwe kandi yitwararitse gusubiriza hamwe abantu bose ».



Umwungere wa Diyoseze Gatorika ya Muyinga yaraye ashikirije icese ivyavuye mu Nama y’Umuryango wa Diyoseze, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Munyonyo muri Katedrali Mugabekazi w’i Lourdes ya Muyinga.

Ivyo birori bikaba vyabereye mu Nkuka ya Misa yari yitabwe n’abakristu isinzi, uhereye ku Ntumwa ya Papa mu Burundi, ku bepiskopi barongoye ama Diyoseze yose y’Ekleziya y’i Burundi, abasaserdoti, abihayimana, abakristu banyamuryango baribaje bavuye mu maparuwase yose uko ari 22 atatse Diyoseze ya Muyinga. Hari kandi n’abandi banyacubahiro baserukiye intwaro, igisirikare n’Umutekano.

Mw’Ijambo ryiwe ry’Ugushikiriza icese ico gitabu c’ingingo z’iyo Nama y’Umuryango, Umwungere yavuze ati : « Iki gitabu rero kirimwo ivyo twashikanyweko n’Inama ya mbere y’Umuryango wa Diyoseze yacu, kiratubera twese isoko tuvomamwo inyigisho nkaburashaka n’ingingo-nyobozi bidufasha kuba Ekleziya ishize hamwe kandi yitwararitse gusubiriza hamwe abantu bose. Ese rero benumuryango bose bocakira nk’ikimenyamenya c’uko, kuva uyu musi, dutanguye igihe gishasha mw’irangurabutumwa ryacu. Ubutumwa buzoguma ari bwa bundi nyene : ukumenyesha Yezu-Kristu abatamuzi n’ukumunywanisha n’abamaze kumumenya. Ubwo ni bwo buzoshishikara kuranguka biciye ku nyabutatu y’ibikorwa twatomorewe na Papa Benedigito XVI mw’ikete nyigisho ryiwe yise ngo “Imana ni Rukundo”. Nayo ikaba ari ukumenyesha icese Ijambo ry’Imana, uguhimbaza amasakramentu be n’ukwitangira ineza y’abandi. Igishasha ni uko twiyemeje kurangura ivyo vyose ku buryo butuma turemesha, gusumba uko twahora, ingendo y’ugusubiza hamwe ngo abantu babane mu mahoro arama.

Umwungere yaciye ashikiriza ico gitabu c’Ingingo z’Inama y’Umuryango Intumwa ya Papa mu Burundi, iciwe n’icazoshikiriza Umuvyeyi wacu Papa Fransisko, ahetura Abepiskopi bose bari ngaho, Umunyamabanga w’Inama y’Abepiskopi, abasaserdoti bahagarariye Intara z’Ubutumwa muri Diyoseze uko ari zine bagahabwa ibitabu bingana n’amaparuwase azigize, araheza asozera agishikiriza abari bashashe muri iyo Nama y’Umuryango wa Diyoseze.

 

Kari akanyamuneza ku banyamuryango no ku bashitsi bari bahari. Nkako nyene twari tumaze igihe kitari gito tuvyiteze. Ivyo vyagaragariye mu majambo yahashikirijwe. Intumwa ya Papa mu Burundi yarakeje Umwungere kumwe n’Ekleziya yose y’i Muyinga kuri ico gikorwa c’iteka bahejeje kurangura, akabipfuriza ko vyokomeza kubafasha mu kuba urumuri rw’abandi mu ngendo yo kuremesha amahoro no gusubiza hamwe mu Burundi bwacu bahereye mu karere kagize Diyoseze. Nyenicubahiro Musenyeri Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega Simoni Ntamwana ati : « Mpimbawe n’uko mu madiyoseze indwi zabaye mw’izo Nama, zitatu ziramaze gutangaza ivyazivuyemwo. N’iteka rero kuri Diyoseze iri mu Ntara y’Ubutumwa ndagijwe kuko mbonako muje ngo dusangire urugamba ku buryo busumbirije, rwo kuremesha amahoro no gusubiza hamwe ».

Twobamenyesha ko iyo Nama y’Umuryango yari yatanguye kuva 2005 igasozerwa n’ibikorwa nyezina vy’isasa vyabaye mu 2009, ku murwa mukuru wa Diyoseze, mu Kigo citiriwe Umuhimbazwa Izidori Bakanja. Dusozere tubabwirako ico gitabu, caba ico mu Kirundi canke ico mu Gifaransa, kigurishwa amafaranga y’amarundi ibihumbi cumi (10.000 FrBu).

 

Patiri Evariste Harerimana
Umuyobozi wa SAVACOM