URWARUKA RUGONA IKI KURI IRI HWANIRO DUSOZEREYE?

« Jewe inyigisho zatangiwe muri iri hwaniro zaramfashije cane. Inyigisho ishingiye ku buryo bwa none bw’ihanahanamakuru yatumye nigira ingingo zimfasha mu buzima. Hari imbuga nahora ndimwo naciye mvamwo kubera nabonyeko ataco zimfasha nk’uwa Kristu … » (Emelyne NININAHAZWE).


Iri hwaniro ry’urwaruka ryarafashije benshi haba mu rwaruka ndetse no mubaje babaherekeje.

Igisata ca SAVACOM caraganiriye na bamwe bamwe mu rwaruka rwari muri forum kumwe n’abaje baruherekeje. Bose bavugako bahimbawe kuba baritavye iri hwaniro. Nkako kuri bo bahungukiye vyinshi bizobafasha mu buzima bwabo.

 

Emelyne Nininahazwe ava muri Paruwase Muyinga ati : « Jewe inyigisho zaramfashije cane. Inyigisho ishingiye ku buryo bwa none bw’ihanahanamakuru yatumye nigira ingingo zimfasha mu buzima. Hari imbuga nahora ndimwo naciye mvamwo kubera nabonyeko ataco zimfasha nk’uwa Kristu. Inyigisho “Ndi mwiza mba heza”, yakabuye ishaka muri jewe ryo gufasha aho mbaye muri “Quartier” ngo habe isuku ribereye. Eka n’inyigisho ishingiye k’ukuntu twobana neza nabo tudasangiye ukwemera, yaramfashije cane kuko abo tudasangiye ukwemera twahora duhura ari impari gusa, ariko ubu ndumvako tuzohura turondera gutungishanya mu bigize ukwemera kwacu mu budasa bwacu ».

Pascal Karangwa nawe asanzwe arongoye ubutumwa bw’abalayike muri Paruwsi, yaje aherekeje urwaruka ruvuye muri Paruwase Kanyinya, ati : « Jewe naho ntari urwaruka, inyigisho zarankozeko cane. Ubonako nsanzwe ndi n’umumenyeshamana ayoboye igisata, izi nyigisho zizomfasha gutsimbataza isuku aho mbaye, ndanabihimirizemwo n’abandi ba Kristu nshinzwe. Inyigisho y’uyu musi yoyo yaje ari akamarampaka. Kuko yamfashije gutegera akamaro k’amatora n’intwaro rusangi. Nditeguriye rero kuzoyitaba nongere mfashe n’abandi kubitegera ngo Imana igire aho imaniye».

Abo inyigisho eka mbere n’ibikorwa vyose vyabereye muri iryo hwaniro vyafashije ni benshi cane. Alphonse Rwasa, ni umwe mu rwaruka rwaje ruva muri Paruwase ya Bugwana. We ntaronka n’ico avuga. Ati: “Vyose vyaje bihura n’ico nahora nipfuza kumenya. Ubu ndahimbawe kubw’ivyo navomye ngaha vyose”.

Twoshimira rero abatunganije iri hwaniro bagategekanya n’ivyo vyose vyofasha abaje ngaha bose cane cane urwaruka ngo rutahane ibirushigikira bikanarumurikira mu nzira yo gushingira intahe Kristu.

Patiri Evariste Harerimana
SAVACOM