DIYOSEZE KATOLIKA YA NGOZI YARIGINYE IVYIZA VY’UKWATIRA ABASASERDOTI, ABADIYAKONI N’UGUTANGA IBICE VY’UBUSASERDOTI

DIYOSEZE KATOLIKA YA NGOZI YARIGINYE IVYIZA VY’UKWATIRA ABASASERDOTI, ABADIYAKONI N’UGUTANGA IBICE VY’UBUSASERDOTI

Kw’igenekerezo rya 16/7/2022, muri Paruwasi Gatara iri muri Diyoseze ya Ngozi, niho haba ibirori vy’iyatirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti n’ibice ryabwo. Inkuka y’Imisa yatanguye igihe c’isaha zine z’igitondo irongowe na Nyenicubahiro, Umwungere wa Diyoseze Ngozi Joriji BIZIMANA akikijwe n’Abasaserdoti.

Urwo rubanza rwitabwe kandi n’abanyecubahiro bari mu nzego zitandukanye z’uburongozi bw’igihugu cacu, uhereye kuri Nyakwubahwa Deo-Guide Rurema, umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, yari yaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori ; hakaba n’abihebeyimana benshi, hamwe n’abakristu ba paruwasi Gatara n’abari baje bavuye ahandi batari bake.

Mu nsiguro yiwe, Umwungere wa Diyoseze Ngozi yaribukije ko ivyo vyiza biriko bibera n’ahandi muri kino gihugu cacu c’Uburundi : mu ma diyoseze ya Bururi, Muyinga na Bubanza. Kuri uwo musi w’ukugabana ivyiza vy’Imana, Diyoseze Ngozi ikaba yifatanije n’abasaserdoti batuboneye izuba (Abamisiyonari ba Africa - les Pères Blancs), kuko mu batirwa harimwo umumisiyonari avuka muri Paruwase Ryakabamba, muri Diyoseze ya Ngozi. Umwungere wa Diyoseze yaribukije ko umusaserdoti arangura ubutumwa bwo gucagagura imigozi n’amapfundo y’umwansi Shetani. Nkako, « Umuhanuzi Yeremiya yari yahawe ubutumwa butoroshe, aho Umukama yamubwira ati kenyera zigume uve hasi, bazokurwanya ariko ntibazogutsinda, kuko nzoba ndi kumwe nawe. Aho yumviye Imana imubwiye iti imbere y’ugusamwa mu nda y’ukwabirutse nari ndakuzi, utaranavuka nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu, yari yabanje gusha coba atangura kumera nk’uwanka, ariko Imana yaramuremesheje ».

Muri ubwo ubutumwa budasanzwe kandi bunaruhisha, umusaserdoti akūra akarorero kuri Yezu Kristu, We yemeye kurinda rugabo kugira ngo arokore abantu bose, akemera kubapfira ku musaraba. Uwo Yezu niwe yitanze kw’inkuka yaturokoye, bikama birangukira mu nkuka y’imisa abasaserdoti bahereza buri musi. Uko abo basaserdoti bahereza inkuka ya misa, bamanyura Umukate, bahamagariwe kwibuka ko uburuhe bagira, mbere bakamera nk’abamanyaguritse, bibashushanya na Yezu Kristu, we yitanzeko inkuka ngo turonke ubuzima. Nawe nyene mukurangura neza ayo mabanga ategerezwa gusenga n’uguhabwa amasakramentu nk’abandi bakristu.

Abatiwe mw’ibanga ry’Ububsaserdoti mu mutigiri w’abapatiri ni : Dominiko Barangendana (Paruwase Mubuga), Viatori Bigirimana (Paruwase Mivo), Ildefonsi Karorero (Paruwase Buraniro), Filiberi Ndayizeye (Paruwase Musenyi), Norberto Nduwimana (Paruwase Gasenyi), Eric Ngendakumana (Paruwase Ruganza), Fransisko Niyitereka (Paruwase Gatara), Aniseti Sibomana (Paruwase Gisyo), Yohani Bosiko Sinzotuma (Paruwasi Rubungu) na Odasi Niyibigira (Paruwase Ryakabamba). Uwo musi nyene, hatiwe abafaratiri 7 mw’ibanga ry’Ubudiyakoni, mu gihe abafaratiri 10 baronse igice c’ubukorezi, abandi 10 nabo baronka igice c’ubusomyi.

 

Urwo rubanza rwabandanirije ahari hateguriwe gusangirira inzimano n’ayandi majambo y’uwo musi. Ibirori bikaba vyasozerewe n’umuhezagiro watanzwe n’Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi.

 

Philbert MIBURO
Ibiro vya Diyoseze Ngozi bishinzwe Ukumenyesha
n’Uguhanahana amakuru (SICODIN)