DIYOSEZE YA NGOZI YARAHEREKEJE N’ITEKA PATIRI PETERO KARAVERI NIYORUGIRA

DIYOSEZE YA NGOZI YARAHEREKEJE N’ITEKA PATIRI PETERO KARAVERI NIYORUGIRA

«Umusi nk’uwo udufasha kuzirikana urugendo turimwo, turimbura iyo tuva n’iyo tuja. Turibuka ko tuva ku Mana…kandi tukerekeza kuri Yo».

 

Hari kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 21 ntwarante 2020, aho umuryango w’abakristu wa diyoseze ya Ngozi waherekeza n’iteka Patiri Petero Karaveri Niyorugira, yaheruka kwitaba Imana ku wa 18 ntwarante, ahitanywe n’indwara mu bitaro vy’i Kiremba (ca Ngozi). Inkuka y’imisa y’ukumuherekeza yaherejwe n’Umwungere wa Diyoseze, Musenyeri Joriji Bizimana, i Ngozi.

Uwo Mwungere, yari ahagatiwe n’Umwungere Mukuru w’i Bujumbura, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, na Musenyeri Stanislasi Kaburungu yahora arongoye iyo diyoseze. Hari handi n’abasaserdoti, abihayimana hamwe n’abakristu baje bava mu mihingo itari mike y’Uburundi, mu baryango b’amaraso no mu bo bagiye barasangira ubutumwa mw’Ekleziya y’i Burundi n’abo bakoranye muri Kaminuza y’i Ngozi, nk’abashikiranganji Deo Guide Rurema ashinzwe Ibidukikije, uburumyi n’ubworozi na Dimisiyo Ndihokubwayo ashinzwe ikigega ca Leta.

Mu nsiguro y’uwo musi, Musenyeri Joriji yaribukije ko umusi nk’uwo udufasha kuzirikana urugendo turimwo, turimbura iyo tuva n’iyo tuja. Turibuka ko tuva ku Mana yaturemye itwishushanijeko, kandi tukerekeza kuri Yo kuko turi incuti zishika z’Ubutatu Bweranda, ku bwa Kristu yadupfiriye ngo atwuhagire umwandu n’imivumo y’igicumuro.

Patiri Niyorugira yari yavukiye muri paruwase ya Jene ku wa 31 kigarama 1942. Yatiwe mu busaserdoti ku wa 31 ntwarante 1970. Yararanguye ubutumwa butari buke muri diyoseze ya Ngozi no mw’Ekleziya y’i Burundi n’ahandi. Muri bwo twovuga, aho yabaye Icegera c’Umwungere wa diyoseze, aho yabaye patiri mukuru mu maparuwase atari make. Yararanguye kandi ubutumwa mw’iseminari nkuru y’i Muresa muri Kongo (yahoze yitwa Zaïre) aho yigishije ivyigwa vya Bibliya, ubutumwa bw’uguhindura Bibliya mu Kirundi yongera yigisha mw’Iseminari nkuru i Burasira. Aho kaminuza y’i Ngozi itanguriye, yabaye umwigisha w’ikilatini n’ikigreki, yongera aba mu rwego nyobozi kw’iyo kaminuza gushika yitavye Imana. 

Twokwibutsa ko ashengeye i Bukama hari hasigaye imisi mike ngo ahimbaze Yubile y’Imyaka 50 mw’ibanga ry’Ubusaserdoti. Imana imwakire mu Bwami bwayo, imugirire n’iyo Yubile.

                 

                          Ibiro vya Diyoseze vy’ukumenyesha n’uguhanahana amakuru