IMPUNDU YA YUBILE Y’IMYAKA 75 N’INGABIRANO Z’ABASASERDOTI MURI DIYOSEZE YA NGOZI

IMPUNDU YA YUBILE Y’IMYAKA 75 N’INGABIRANO Z’ABASASERDOTI MURI DIYOSEZE YA NGOZI

Diyoseze ya Ngozi iherutse kwakira imihezagiro n’imigisha ya Yubile y’imyaka 75 imaze ishinzwe, hamwe n’iyatirwa ry’abapatiri n’abadiyakoni. Hari kuri uwu wa 6 mukakaro 2024, mu nkuka y’imisa yaherejwe n’Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi, Nyenicubahiro Musenyeri Joriji BIZIMANA.

Muri iyo Nkuka ya Misa yari akikijwe n’abandi bungere b’amadiyoseze y’Ekleziya y’i Burundi, abasaserdoti, abihebeyimana n’abakristu isinzi, barimwo n’abarongoye inzego zitandukanye mu gihugu.

Insiguro y’ijambo ry’Imana ry’uwo musi yari ishingiye kuri yubile hamwe n’ibanga ry’ubusaserdoti. Musenyeri Joriji yavuze ati : « ubu turiko turahimbaza umusi  mukuru wa yubile ya Diyoseze imaze imyaka 75 ishinzwe kuva mu mwaka 1949. Umwaka wa yubile nawo wamye ari umwaka wo kubohoka, uwari yaranganjwe agasubira mu muryango wiwe, uwari yaranyanzwe agatongo kiwe akagasubizwa ; ni umwaka wo kwisubirako, kunagura umubano mwiza mu bantu, abari baribagiwe bakibukwa ; ni umwaka wo kwibuka ko Imana ariyo igaba vyose tukibuka ko ariyo muvyeyi aje kwibuka abarushwa ; ni umwaka wo kwisuzuma umwe wese akirimbura, umuntu akisubirako ».

Yerekeje ku basaserdoti bagira batirwe, yaribukije  ko ubusaserdoti Yezu Kristu yashinze bushinze imizi mu kwitanga kwiwe ku musalaba, ivyo navyo bikatwibutsa umugirwa wabaye ku musi wa kane mweranda aho Yezu yagira Ukaristiya akongera agashinga isakramentu ry’ubusaserdoti. Inkuka y’Imisa ifise agaciro kubera ari Yezu we nyene yihereje kumusalaba ngo acungure abantu, vyerekana rero ko umusaserdoti ategerezwa kwihereza kw’Inkuka kuko na Yezu yarihereje. Muriwe twarabaye imperezwa nziza, umusaserdoti ategerezwa guhereza Inkuka akihereza we nyene, gurtyo umuryango ukahatorera akoyoko.

Muri iryo banga Abasesardoti basabwe kwama bicisha bugufi, iryo banga ntirishingiye ku vyo abantu bafatirako kuko ibijuju ni vyo Imana yitoreye ngo bibe ibikoresho vyayo, n’aho ari uko ntibisigurako Abasaserdoti batofatwa n’ikibi abandi bakora mugabo basabwe gusaba ikigongwe ntibiyime ivyo bafashisha abandi. Umusaserdoti ashira imbere igisabisho n’uguhabwa amasakramentu. Uwo Mwungere yasavye abakristu bari aho kubandanya basabira Abasaserdoti n’ukubashigikira kuko Abasaserdoti bazingamye n’abakristu baba bazingamye. Yasavye Abasaserdoti nabo kudakora ivyo bishakiye kuko uwukora ivyo ashatse ntaba agitegera ibanga ryiwe ; araruha akaruhisha n’abandi.

Ashimikiye kuri Musenyeri Yozefu Martino, Umwungere wa mbere wa Diyoseze ya Ngozi,  yaraciye irya n’ino bikuru bikuru mu vyaranze Diyoseze ya Ngozi hamwe n’ubutuwa abungere bagiye baritwararika ngo umuryango wa Diyoseze utere imbere mu mpande zawo zose. Abo nabo ni Musenyeri  Andrea Makarakiza, Musenyeri Stanislas Kaburungu, na Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa. Musenyeri Joriji Bizimana ni umwungere agira gatanu wa Diyoseze ya Ngozi.

Mw’ijambo yari yarungikanwe n’Umukuru w’igihugu, Nyakwubahwa Martino Ninteretse arongoye Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi yarakeje Diyoseze Ngozi kuri iyo Yubile no ku ngabire y’abasaserdoti, anakenguruka ingene Ekleziya Gatorika ishashe mu madiyoseze yitwararika iterambere ry’umutima itibagiye iry’umubiri, mu bisata remezo vy’igihugu bitandukanye.

Abatiwe mw’ibanga ry’Ubudiyakoni ni Jean Paul Butoyi (Paruwase Kiremba), Bertin Dushimirimana (Paruwase Gasenyi), Jean-Claude Ndayishimiye (Paruwase Rubanga), Valentin Kubwimana (Paruwase Gisyo), Gratien Mahenga (Paruwase Kiremba), Nicodème Ndayishimiye (Paruwase Musenyi), Roger Nininahazwe (Paruwase Mubuga), Roger Niyibigira (Paruwase Rwegura), Onesime Nizigama (Paruwase Mugogo), Silas Ntirampeba (Paruwase Ryakabamba), Jean-Marie Twemerimana (Paruwase Mwika), Jean de Dieu Hakizimana (Paruwase Kiremba).

Abatiwe mw’ibanga ry’Ubusaserdoti begukira Diyoseze ya Ngozi ni : Antoine Arakaza (Paruwase Gasenyi), Longin Ndayikengurukiye (Paruwase Busiga), Herbert Ndayiragije (Paruwase Ngozi), Médard Nduwimana (Paruwase Ryakabamba.), Gérard Niyimbona (Paruwase Gatara), Thérence Nkurunziza (Paruwase Jene), Clovis Nduwayezu (Paruwase Gisyo),  Rémy Ndayishimiye (Paruwase Busiga), Jean-Calude Ndayishimiye (Paruwase Rubanga), Thierry Ndizeye (Paruwase Muhanga).      

Kuri uwo musi nyene, haratiwe abasaserdoti begukira imiryango y’abihebeye Imana. Abamisiyonari ba Afrika (bitwa Abapatiri bera), abo nabo ni : Claude Niyigaba, Claude Nsengiyumva, Na Jean Bosco Nduwayo. Abasaleziyano batiwe ni : Aaron Rivuzimana na Alexandre Majambere.

Inyuma y’Inkuka y’imisa, urwo rubanza rwabandanirije mu mashurwe y’Isengero ya Paruwase mvyeyi ya Ngozi, aho abatumire babandanirije gusangira ijambo n’inzimano z’uwo musi.

Philbert MIBURO, SICODIN