ISENGERO NA ALTARI YAYO VYARAHEZAGIWE, VYEGURIRWA IMANA, MU KIGO MPUZANTARA C’IGIPOLISI C’I NGOZI

ISENGERO NA ALTARI YAYO VYARAHEZAGIWE, VYEGURIRWA IMANA, MU KIGO MPUZANTARA C’IGIPOLISI C’I NGOZI

Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 2 gitugutu 2021, mu kigo mpuzantara c’igipolisi (commissariat régional du Nord) co mu ntara z’uburaruko bw’Uburundi, harabaye inkuka y’imisa yabereyemwo imigirwa y’uguhezagira n’ukwegurira Imana isengero nshasha yubatswe, hamwe na altari yayo. Iyo nkuka y’imisa yaherejwe n’Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi, Musenyeri Joriji Bizimana, ahagatiwe n’abasaserdoti baje bava mu maparuwase amw’amwe ya Diyoseze.

Urwo rubanza kandi rwari rwitabwe n’abibutsamana bakuru bo mu nzego z’umutekano, iz’ukwivuna abansi n’ukwitwararika abahoze ku rugamba. Hari kandi n’abarongoye inzego z’igipolisi n’igisirikare mu nzego zitandukanye, bamwe mu bashingamateka batowe mu ntara ya Ngozi hamwe n’abandi bashinzwe amabanga atandukanye mu nzego z’igihugu nabo nyene ntibari batanzwe muri urwo rubanza rw’iteka.

Mu nyigisho y’uwo musi, Umwungere wa Diyoseze yaratumiriye abari ng’aho kuzirikana cane ic’ari co isengero, n’ico imariye umuryango w’abantu. Ati: «Isengero n’ikibanza ceranda cagenewe gukoranirwamwo n’igihugu c’Imana, gutangirwamwo inyigisho ndoramana zerekeye Ijambo ry’Imana, zigatanga umuco mu buzima bw’ukwemera, mu migenzo n’inyifato ibereye abakristu. Ni ikibanza cagenewe guhimbarizwamwo amasakramentu n’iyindi migirwa myeranda ijanye n’ukwemera kw’abakristu, kuririmbirwamwo indirimbo, amazabuli n’imvyino nyeranda bihayagiza Imana. Ariko igihambaye muri ivyo vyose kandi vyose bikomokako, ni ikibanza ceranda bahererezamwo inkuka nyeranda y’imisa».

Kubera ivyo, Musenyeri Joriji yasavye abakristu, eka n’abari aho bose (ubona ko iyo nyubako itatererewe n’abakristu-gatorika gusa), ko bokwirinda kwitiranya ico kibanza ceranda n’izindi ngoro z’amakoraniro ay’ari yo yose, kuko ukutubaha ingoro y’Imana kwoba ari ukwikwegera ishavu ry’Imana, nk’uko tubisoma mu Nkuru Nziza (raba Yohani 2, 13-16; Luka 19, 45-48; Matayo 21, 10-17 na Mariko 11, 15-19). Ni co gituma rero yasavye abazohakoranira bose kugira inyifato ijanye n’ikibanza bazoba bajemwo, kugira ngo bahuze umutima hagati yabo kuko bazoba banywanishijwe na Yezu avyagiye mw’itabernakulo nyeranda.

Inyuma y’inyigisho y’Umwungere, hakurikiye imigirwa y’ukwegurira Imana iyo sengero, mu gusiga amavuka ya Krisma altari nyeranda n’impome zisengero, mu kwonsa iyo altari n’itabernakulo kahoreshejwe ibimoga neza. Twokwibutsa kandi ko iyo sengero yaragijwe Mikaheli Mweranda, Umumalayika mukuru.

Inyuma y’inkuka y’imisa, urubanza rwabandanirije mu kibanza cari categuwe muri ico kigo c’igipolisi, aho babandanirije gusangira ikiyago n’inzimano. Abafashe amajambo bose barashimiye Imana kuri iyo ngabire Imana yabaronkeje iciye ku kwitanga kw’abo yiremeye.

 

Kubw’Ibiro vya Diyoseze bijewe ukumenyesha n’uguhanahana amakuru, patiri Lamberto R.