NYENICUBAHIRO MUSENYERI JORIJI BIZIMANA YARAYE ASHIKIRIYE INTEBE Y’UBWUNGERE BWA DIYOSEZE NGOZI

NYENICUBAHIRO MUSENYERI JORIJI BIZIMANA YARAYE ASHIKIRIYE INTEBE Y’UBWUNGERE BWA DIYOSEZE NGOZI

«Gushira mu ngiro ingingo z’Inama y’Umuryango wa Diyoseze ngo zimurikire ubutumwa bwose bwa Diyoseze mu bisata vyose».

Hari kuri uwu wa 6 igenekerezo rya 25 Nzero aho Nyenicubahiro Musenyeri Joriji Bizimana aheruka kugenwa na Papa mu mpera z’umwaka urangiye, yashikirizwa icese intebe y’Ubwungere mw’Isengero Mvyeyi y’i Ngozi, yaragijwe Umushaha Utatyoye wa Bikira Mariya, gutyo aba abaye Umwungere agira gatanu kuva Diyoseze ya Ngozi ishinzwe mu 1959.


Urwo rubanza rwari rwitabwe n’Abepiskopi bose b’ama Ekleziya y’i Burundi, nab’i Rwanda, abasaserodoti bavuye mu madiyoseze y’irya n’ino mu Burundi, abihebeyimana, abakristu benshi, abari mu yandi madini, hamwe n’abaserukiye Leta mu nzego zayo zitandukanye, bárōngōwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Umwubahwa Pascal Nyabenda yari yaje kw’izina ry’Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Imbere y’ugushikanwa icese mu ntebe y’Ubwungere, ikete rya Nyenubweranda Papa Fransisko rimugena muri ayo mabanga ryashikirijwe na Musenyeri Wojciech Zaluski, intumwa ya Papa mu Burundi, risomwa na Musenyeri Stanislasi Kaburungu yahoze arongoye Diyoseze ya Ngozi.



Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yahora ahagarariye Papa muri Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Bashimiyubusa, yaciye amushikiriza bikuru bikuru mu biranga umuryango yahora aragijwe, atibagiye n’ivyo yari yipfuje kurangura ariko bitari bwaje mu ngiro. Na vyo ni nk’ivyerekeye ukubandanya gushitsa n’ugushira mu ngiro ivyapfunditswe kandi vyatangajwe mu nama ya mbere y’Umuryango wa Diyoseze ; ikirimba ca Bikira Mariya Muvyeyi w’ikigongwe, kikaba ari naco cokwakira wa musaraba wahawe Urwaruka rwose rw’i Burundi ; ibigo vyokwakira bimwe mu bisata vya Kaminuza yisunga inyigisho z’Ekleziya Gatorika ; ikigo c’ugufasha abagendana ubumuga gisanzwe kiriko kirubakwa ariko kitaruzura, n’ibindi.



Mu nyigisho y’uwo musi, wari usanzwe ari umusi mukuru w’uguhinduka kwa Pawulo Mweranda, uwo Mwungere mushasha yisunze Ijambo ry’Imana ry’uwo musi (Ibikorwa vy’Abatumwa 22,3-16 ; Zabuli 116,12-19 ; Mariko 16, 15-18), atumirira abari aho gufatira akarorero kuri Pawulo Mweranda. Muri vyinshi vyaranze ubuzima bwiwe, hari ukuba inshirwarimenetse mu kumenyesha Kristu yamubonekeye, ari ku nzira aja guhama abari bamaze kumwemera, gutyo ahinduka umutumwa n’icabona c’uwo yahora ahama, akoresha ubumenyi n’ubushobozi bwose yari afise ngo Kristu amenyekane mu ma Ekleziya yari yashinze irya n’ino.

Mw’ijambo ryiwe yashikirije umuryango w’abakristu ba diyoseze, hamwe n’abari aho, Umwungere mushasha wa Diyoseze yarashimye intambwe diyoseze igezeko, mu biboneka n’ibitaboneka nyene, araheza ashikiriza n’imice mikuru mikuru izoranga ubutumwa ashinzwe : gushira mu ngiro ingingo z’Inama y’Umuryango wa Diyoseze ngo zimurikire ubutumwa bwose bwa diyoseze mu bisata vyose.

Abafashe amajambo bose barakeje uwo Mwungere hamwe na Diyoseze aragijwe, bamwemerera kumuba hafi n’ukumushigikira, umw’umwe wese mu vyo ashinzwe kugira ngo abakristu, eka mbere n’ababa muri Diyoseze ya Ngozi bashobore gutera imbere mu mpande zose z’ubuzima.

Tworangiza tuvuga ko igenekerezo rya 25 nzero ari umusi wakunze muri diyoseze ya Ngozi, kuko ari wo musi Musenyeri Stanislas Kaburungu yashikirizwa amabanga nk’ayo, haraciye imyaka 51.

                      Ibiro vy’Ubutumwa bwa Diyoseze bw’Ukumenyesha n’Uguhanahana Amakuru