PARUWASE YA GITWENZI YARATEWE ITEKA RY’UKWAKIRA IMIGIRWA Y’UKWATIRA ABASASERDOTI MURI DIYOSEZE YA NGOZI

PARUWASE YA GITWENZI YARATEWE ITEKA RY’UKWAKIRA IMIGIRWA Y’UKWATIRA ABASASERDOTI MURI DIYOSEZE YA NGOZI

Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 11 mukakako, diyoseze ya Ngozi yari iramukanye urubanza rw’ukwatira abapatiri n’abadiyakoni, hamwe n’ugutanga ibice vy’ubukorezi n’ubusomyi vyerekeza ku busaserdoti bw’ibanga. Hari muri Paruwase ya Gitwenzi, aho Musenyeri Joriji Bizimana arongoye iyo diyoseze yahereje inkuka ya misa yabereyemwo n’iyo migirwa myeranda.

Urwo rubanza kandi rwitabwe n’abasaserdoti b’iyo diyoseze hamwe n’abandi baje bava irya n’ino mu yandi madiyoseze ari i Burundi, abihebeyimana, abarongoye abandi mu nzego zitunganiriza igihugu, uhereye ku Cegera c’Umukuru w’igihugu, abashikiranganji ba Leta y’Uburundi (uw’ikigega n’ubutunzi bw’igihugu ; uw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije), abavyeyi, incuti n’abagenzi hamwe n’abakristu isinzi bo muri paruwase yakiriye uwo musi w’imbonekarimwe muri iyo paruwase.

Mu nsiguro y’Ijambo ry’Imana, Musenyeri Joriji yaribukije ko ubusaserdoti bw’ubu butandukanye n’ubwo mu bwuzure bwa kera, aho ayo mabanga yahererekanywa hagati y’abasangiye umuryango. Ku bw’ibatisimu twahawe, twese dusangiye ubusaserdoti na Kristu, we musaserdoti mukuru. Ariko hari n’abandi basaserdoti bagemwa ikimenyetso kitazimangana mu mitima yabo, kuko batorewe ibanga ry’ukubera Kristu abo bashinzwe, bakatirwa mu kwubikwako ibiganza n’ugusigwa amavuta. Ni kwo kwigisha abakristu ko ubwo busaserdoti bufise ingazi zitatu : ubudiyakoni, ubupatiri n’ubwepiskopi. Yongeyeko ati : « Abatumwa Yezu adutorera ubu ni abahamagawe, nk’uko twabizirikana mu Nkuru Nziza y’uwo musi (Raba Matayo 4,12-22). Abo batumwa rero bahereza ya nkuka Yezu yahereza buca ababara, akamanyura umukate akongera agahezagira ikalisi y’umuvinyu, ngo yerekane ingene buca amanyagurwa akongera agasesa amaraso yiwe, ku bw’ubukiriro bw’abantu. Uko ni ko abasaserdoti b’ubu batotinya kumanyagurwa n’ukuruhishwa n’ubutumwa, bitangira abo barungitswemwo, kuko ico bagira mu gihe bahereza inkuka y’imisa kiba kiriko kiraranguka mu buzima bwabo ».

Umwepiskopi wa diyoseze yasavye abo basaserdoti yagira yatire kuba abungere b’imitima, bari mu bumwe na Papa hamwe n’umwepiskopi wabo, bakama bitura abandi mu kubahanuza, cane cane ababakurira mw’ibanga, bakirinda kandi kuja kubiri n’inyigisho z’Ekleziya mu kwironderera inyungu zabo. Yasavye abakristu (na cane cane abavyeyi b’abo basaserdoti), gusabira, gufasha n’uguhanura abo batumwa b’Imana, kuko bagumije kandi bakagendera ibanga batorewe bizogirira akamaro umuryango wose.

Inyuma y’inyigisho y’umwepiskopi, hakurikiye imigirwa y’ugutanga ibice vy’ubusomyi ku basore 13 n’ubukorezi ku basore 9, hanyuma hakurikira ukwatira abadiyakoni n’abapatiri. Abatiwe mu Badiyakoni ni 10. Abatiwe mw’ibanga ry’abapatiri ni indwi : Emile Nyabenda (Paruwase Busiga), Gérard Mayange (Paruwase Ruganza), Alfred Ndayipfukamiye (Paruwase Gasenyi), Félix Ndayisaba (Paruwase Musenyi), Vital Sindihebura (Paruwase Gitwenzi), Joseph Kwizera (Paruwase Gitwenzi), Léonidas Nshimirimana (Paruwase Rwisabi).



Inyuma y’inkuka ya misa hakurikiye amajambo yerekeye urwo rubanza hamwe n’ugusangira inzimano. Abafashe amajambo bose barakengurukiye Imana kuri iyo ngabire y’abakozi bashasha babonetse mu murima w’Imana, bakeza paruwase yatewe iteka ry’ukwakira ivyo vyiza, hamwe n’umuryango wose w’abemera wakujije ugashikana mu bigero abo batumwa b’Imana. Kw’izina ry’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, uwaserukiye Leta y’Uburundi yasavye abo batumwa, kumwe n’Ekleziya yose, kugira umwitwarariko w’uguteza imbere iteka rya muntu mu mpande zose, hamwe amaparuwase aba amayogi y’iterambere.

Philbert Miburo