DIYOSEZE KATOLIKA YA RUTANA YARAYE IRUNGITSE PATIRI TIMOTEYO HATUNGIMANA MU BUTUMWA BWO GUTEGURA ABAMENYESHAMANA HARIYA MURI I.C.A. MUYANGE

DIYOSEZE KATOLIKA YA RUTANA YARAYE IRUNGITSE PATIRI TIMOTEYO HATUNGIMANA MU BUTUMWA BWO GUTEGURA ABAMENYESHAMANA HARIYA MURI I.C.A. MUYANGE

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 6/9/2021, hariya mu kigo c’umwungere wa Diyoseze Katolika ya Rutana, niho patiri Timoteyo HATUNGIMANA yarungikwa icese n’Umwepiskopi w’iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Bonaventura NAHIMANA mu butumwa bwo gutegura abamenyeshamana hariya muri I.C.A. Muyange, aho azoba ari umuyobozi ashinzwe ivyigwa. Kabaye kandi n’akaryo ko kurungika na patiri Gabriel CIZA, yahora ari umurezi mw’Iseminari Nkuru yo ku Kiryama, akaba agiye kumusubirira mu butumwa bwo kurongora Paruwase Giharo.

Patiri Timoteyo rero akaba yari asanzwe ari patiri mukuru wa paruwase Giharo, umuryango yari amazemwo imyaka 11, kuva acatirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti; akaba yaragiye arashingwa amabanga atandukanye! Abakristu yari asanzwe arongoye bamusezeye icese ku musi w’Imana igenekerezo rya 5/9/2021, inyuma y’aho yarahejeje kubisikanya na mugenziwe patiri CIZA Gabriel. Tubamenyeshe ko ivyo birori vyo kubisikanya muri ayo mabanga vyari bihagarikiwe na Musenyeri Lehonidasi NTAKARUTIMANA, icegera c’umwepiskopi wa Diyoseze ya Rutana.

Ku musi wa mbere rero, igenekerezo rya 6/9/2021, niho patiri Timoteyo yasezerwa akongera akanarungikwa icesen’Umwungere mu butumwa bushasha yari aherutse gushingwa. Uyo mwungere ahagatiwe n’abagize umubano wo ku kirimba ciwe, yarashikirije ijambo ryiwe mu mice ibiri mikuru mikuru:

Ubwa mbere yarakengurukiye cane uyo musaserdoti ku butumwa butari buke yari amaze imyaka icumi n’umwe yose arangurira muri paruwase Giharo. Yaradondaguye ibitari bike mu vyakozwe nk’amasengero y’imibano n’ibisata yubatswe, amasakramentu atandukanye yatanzwe, ari navyo vyatumye umuryango w’abakristu utera uja imbere mu mpande zose, ndetse mbere n’igitigiri c’abakristu kikiyongera. Umwungere yaramukengurukiye cane no ku mubano mwiza yagiraniye n’abo bari basangiye umubano w’abasaserdoti, umubano w’abihebey’Imana barangurira ubutumwa muri iyo paruwase, hamwe n’umuryango wose w’abakristu. Yabandanije ijambo amwipfuriza ubutumwa bwiza iyo arungitswe, kugira ngo aze agire umubano mwiza n’abo bagiye gusangira ubutumwa, gurtyo bizohe izina ryiza Diyoseze yamwibarutse.  Yasozereye ico gice c’ijambo amubwira ati: «Genda were iyo ugiye»!

Ijambo rya kabiri naryo, umwungere yaryerekeje kuri patiri CIZA Gabriel agiye gusubirira patiri Timoteyo mu butumwa bwo kuba patiri mukuru wa paruwase Giharo. Yamusavye kubandaniriza ikivi aho cari kigeze, gukorana neza n’umusaserdoti Gordiyano NTAWIREMERA bagiye gusangira umubano, hamwe n’abandi banyamuryango b’iyo paruwase, mu ntumbero yo guteza imbere bimwe biboneka umuryango wa paruwase barungitswemwo. Yasozereye ababwira ati: «Murabona ko mugiye kubana mwese muri abasaserdoti bakiri bato kandi b’inguvu: ico muzoshaka gukora cose muzogishobora. Gende rero mukure amaboko mu mpuzu mukore. Sindabarungitse gushomera, ndabarungitse ku butumwa kuko ndazi neza ko buhari…»! Yasozereye nabo nyene abipfuriza ubutumwa bwiza.

Abo basaserdoti nabo bamaze gufata ijambo, baramuseruriye akari ku mutima! Bompi baramumenyesheje ko bakiranye ubukengurutsi ubwo butumwa batorewe, bongera bamwemerera kuzobwitangira batiziganya, ku neza yabo n’iyumuryango wose w’Ekleziya. Basozereye bompi basaba umwepiskopi kubaba hafi, mu mpanuro no mu gisabisho kuko ubutumwa barungitswemwo butoroshe. Ayo majambo yose akaba yasozerewe n’umuhezagiro w’umwungere, imbere y’uko bose bashikanwa mu butumwa barungitswemwo. Kuri uyo musi nyene, bose baraye bashitse, kandi bashitse amahoro. Imana ihabwe icubahiro!

 

Patiri Benedigito KABURA