

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29/5/2021, muri Paruwase ya Gihofi, Diyoseze Katolika ya Rutana, harabereye indagano z’ababikira bene Fransisko wa Mugabekazi w’i Monte. Ivyo birori vyari vyatewe iteka na nyenicubahiro Musenyeri Bonaventura NAHIMANA umwungere wa Diyoseze ya Rutana, akaba ari nawe yari arongoye inkuka ya misa. Aba novisi bari baramutse bategwa iteka ryo kugira indagano muri uyo muryango bari icenda.
Hari n’abandi batumire b’iteka nka nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE umwungere wa Diyoseze ya Muyinga akaba n’umukuru w’inama y’abepiskopi katolika y’i Burundi, nyenicubahiro Musenyeri Yohani NTAGWARARA umwepiskopi w’i Bubanza, nyenicubahiro Buraziyo NZEYIMANA umwepiskopi w’i Ruyigi, icegera c’umwepiskopi w’i Gitega, icegera c’umwepiscopi wo mu Rutana, umukuru w’umuryango wa bene Bernadeta, umukuru w’umuryango wa bene Yozefu, n’abandi banyacubahiro beshi mu nzego zitandukanye zaba izo muri Ekleziya no mu gihugu. Vyari bihimbaye cane.
Mu nsiguro umwungere wa Diyoseze ya Rutana yashikirije abakristu bose bari aho, na cane cane abagira ngo batere intambwe mw’ibanga ry’ubwihevyi, yarabibukije ko umukristu wese ahamagariwe gukurikira Yezu Kristu no kumufatirako akarorero. Yagize ati : « Umukristu wese ahamagariwe gukurikira Yezu-Kristu, akongera akamwigana kuko ariwe aduha akarorero keza akadusaba no kugakurikiza aho Yezu we nyene avyivugira ati : “Ko nabogeje ibirenge jewe Mukama na Mwigisha, namwe mubwirizwa kwozanya ibirenge” (Jn13, 14); ahandi naho ngo : “Nimwazigama amabwirizwa yanje muzoguma mu rukundo rwanje nk’uko nanje nyene nagumije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe” (Jn 10, 12).
Hari abo Imana iha ingabirano yo kwigana Yezu-Kristu muguheba vyose ngo Yezu-Kristu abe ariwe ababera ubuzima n’ukuri, nk’uko Paulo mweranda agira ati : “Ni ukuri kuri jewe ubuzima bwanje ni Kristu”. Yezu rero niwe aheza akababera intoranwa yabo. Ni muri iyo nzira yo kwigana Yezu mu ngendo yiwe y’ubworo, ubwerentegerwa n’ubugamburutsi abo bigeme bafise ku mutima aya majambo ngo : “Ndarengutse Mukama ngo nkore ico ushaka”. Ayo majambo tuyasanga mw’Izaburi ya 39 akaba yasubiwemwo n’umwanditsi w’Ikete ryandikiwe Abahebreyi.
Bigeme mugira ngo muture Imana ubuzima bwanyu muri uyu muryango w’ababikira bene Fransisko wa Mugabekazi w’i Monte, Mariya niwe karorero kanyu, ni mumwihweze, muzirikane inyifato n’ingendo yiwe, abigishe kwakira ishaka ry’Imana mu buzima bwanyu ata bwoba, ata mpungenge, ata gihababu, ariko muryakire mu mwidegemvyo mwemera ko atakinanira Imana. Bigeme mugira muture Imana indagano zanyu za mbere uyu musi, ni muhimbagwe n’uyo muvyeyi Bikira-Mariya Imana yabahayeko Umugabekazi, ababere akarorero mu buzima bwanyu bwose, mumukundire abarere nk’uko yareze Yezu Umwana w’Imana kugira ngo namwe murangwe n’ingeso nziza zamuranze arizo z’izi :
- Ukwemera kutagira amahinyu, kwakira Ijambo ry’Imana mukurizirikana ku musi ku musi kandi mwihatira kurizigama ;
- Urukundo rwuzuye igishika rubahutagiza kugira ngo mwihebere Imana na bene wanyu mukuramira abantu bose Imana ibarungikamwo ;
- Umutima wicisha bugufi, wizera Imana muri vyose, ugahimbarwa no kwishira mu maboko y’Imana ;
- Umutima ukenguruka, uninahaza Imana mu bihe vyose kandi ugahozako mu gusenga ;
- Umutima urinda, wakira ibibabaza bitabura mu buzima bw’uwemera nk’ikimenyetso c’uko yemeye kwikorera umusalaba ngo agendanire Yezu-Kristu ».
Umwungere wa Diyoseze ya Rutana yasozereye inyigisho yiwe asaba abakristu bari aho guheka ku mutima abo bigeme bagomba bature ubuzima bwabo Imana, kwama babasabira kugira ngo baze bagirire akamaro isi mu kuyibera umwambiro w’urukundo, kandi ngo bamane ingoga n’umwete wo kwama babwira Umukama uko bukeye uko bwije bati : « Ndarengutse Mana yanje ngo nkore ico ushaka ». Urwo rubanza rukaba rwasozerewe mu kanyamuneza ntangere !
Patiri Benedikto KABURA