IHEZAGIRWA RY’AGASENGERO MW’IBOHERO RIKURU RYA RUTANA

IHEZAGIRWA RY’AGASENGERO MW’IBOHERO RIKURU RYA RUTANA

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Nyakanga 2020, abanyororo bapfungiwe mw'ibohero rikuru rya Rutana, birirwanye akanyamuneza katagira  uko kangana aho Nyenicubahiro Musenyeri Bonaventura Nahimana arongoye Diyoseze katolika ya Rutana yari aramutse abahezagirira yongera abugururira  icese agasengero bagiye kuzohora bahuriramwo kugira baninahaze Imana bongere bayambaze.

Turetse uyo Mwepiskopi, ivyo birori vyari vyatewe iteka kandi n'umusaserdoti munyamabanga wiwe, hamwe n'umwibutsamana w'iryo bohero akongera akaba n'umunyabigega wa diyoseze ya Rutana. Hari kandi abakozi basanzwe bakorera muri iryo bohero na cane cane umuyobozi waryo ari kumwe  n'abajejwe gukurikirana ubuzima bw'abo bapfungwa n'abaforoma bama babavura iyo barwaye.

Ibirori vyatanguwe n'urugendo aho abaririmbiramana bagenda barahayagiza Imana bagira bati "Turiko turaduga, tugana wa murwa mweranda Yeruzalemu..." ! Twokwibutsa ko kubera ikiza ca Korona-19 gisibije isi yose muri kino gihe n’igihugu cacu kirimwo, abavuye hanze y’ibohero bandi batarekuriwe kwinjira gusangira ako kanyamuneza n’abo bavukanyi! Imana ituje imbere kugira ngo ico kiza kiranduranwe n’imizi, Inkuru nziza nayo ibone gukwiragizwa hose !

 

Evariste NDAYISHIMIYE, Diyoseze Katolika ya Rutana