IHIMBAZWA RY’UMUSI MUKURU W’ISAKRAMENTU RYERANDA MURI PARUWASI MUHWEZA
Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 2 ruhenshi 2024, muri Paruwasi Muhweza yitiriwe umweranda Savino, abakristu barahimbaje mu kanyamuneza umusi mukuru w’Isakramentu Ryeranda. Inkuka ya misa yaherejwe na Patiri Mukuru Silas NDUWAYO.
Mu nsiguro yiwe, yaramenyesheje abakristu inkomoko y’iryo himbazwa ry’uwo musi mukuru w’Isakramentu Ryeranda. Yabandanije amenyesha ko Umubiri n’Amaroso vya muntu ari ibintu bihezagiye cane naho umuntu yoba ari umunyavyaha ntivyigera bihitanwa n’isegenya. Kukaba nkako, Yezu atwihereza nk’imfugurwa bitubera akarorero ko kuvyura no kwubaha umubiri wa muntu. umuntu agasabwa kwirinda kuyasesa.
Yasavye zina muntu wese kwubaha Hostiya Nyeranda iyo tugiye gusangira akaba ariho havuye insiguro "Umukristu". Yasozereye ku bintu nshimikiro bitatu : kwityorora imbere yo kugenda kwakira Umubiri wa Kristu ; kwubaha Umubiri n’Amaraso vya Kristu n’ivya muntu mu mpande zose z’ubuzima bwiwe ; kurangura amabwirizwa y’Imana arangukira mu rukundo rw’Imana na bene wacu.
Twomenyesha ko ibirori vyasozerewe n’urugendo rwo kurerura Isakramentu ryeranda n’umuhezagiro udasanzwe w’uyo musi. Twobamenyesha kandi ko kuri uyo musi mukuru nyene abana ijana na cumi (110) batewe iteka ryo kwakira ubwa mbere Yezu Kristu mw’Isakramentu Ryeranda ry’Ukaristiya.
Jérôme MINANI