INAMA NYUNGURABWENGE NA NKARISHABWENGE Y’ABAMENYESHAMANA

INAMA NYUNGURABWENGE NA NKARISHABWENGE Y’ABAMENYESHAMANA

«Twame twitwararika ingaburo y'umutima».

Ibiro bijejwe ubutumwa bwa Bibliya mu Burundi vyifadikanije n'ibiro bijejwe ubwo Butumwa muri Diyoseze ya Rutana vyaratunganije inyigisho nkarishabwenge mu vyigwa vya Bibliya Nyeranda ku bamenyeshamana baserukiye abandi mu ma Paruwase yose agize Diyoseze ya Rutana. Iyo nama yabereye munyubakwa za « Centre Pastoral » kuva kuwa 2 gushika kuwa 5/6/2020.

Muri ico kiringo harizwe ibitari bike bigizwe n'inkomoko y'ubutumwa bwa Bibliya mu Burundi, intangamarara kuri Bibliya Nyeranda, ubuhinga bwo gusoma Bibliya no kuzirikana Ijambo ry'Imana, akamaro k'Ijambo ry'Imana mu buzima bw'abantu, ubutumwa n'uruhara vy'Abamenyeshamana mu kwigisha Bibliya Nyeranda biciye mw'Ijambo ry'Imana no mu bundi butumwa bajejwe. Ivyo nivyo vyigwa bagize imisi baca irya n’ino babifashijwemwo n'Umushingantahe Zakariya Kiganahe, umupfasoni Yuliyeta Congera, Mama Lusiya Kayandakazi, Patiri Caliope Bazitwinshi hamwe na Mama Beyatirisi Ntiranyibagira.

Mw'Ijambo ryo kwugurura izo nyigisho, Nyakubahwa Patiri Berchmans Manirambona, umunyamabanga w’umwepiskopi akaba ari nawe ashinzwe ibiro nshingwabutumwa muri Diyoseze, yashimikiye kw'Ijambo ryashikirijwe ku musi mukuru w'Ijambo ry'Imana wabaye uyu mwaka, ku musi w'Imana wa 3 wo mu mwaka mu gihe gisanzwe; hari kw'igenekerezo rya 26/1/2020. Yisunze ikete rya Nyenubweranda Papa Fransisko ryo ku wa 30/9/2019 "Aperuit Illis", yarerekanye ko Ijambo ry'Imana mu buzima Rukristu rifise akamaro kanini, kandi ko abamenyeshamana muri Ekleziya bafise ikibanza c'iteka n’uruhara ntangere mu kumenyesha Iryo Jambo. Ari naho basabwa kumenyesha Inkuru Nziza y'urukiza, gukomeza ukwemera n'ubuzima bw'Imana mu Bantu. Ni bantasubirizwa mu kumenyesha Ijambo ry' Imana.

Mu nyigisho ya mbere yashikirijwe n'umushingantahe Zakariya Kiganahe, yarerekanye inkomoko y'ubutumwa bwa Bibliya mu Burundi ; yarerekanye kandi ko mu kwigisha Ijambo ry'Imana tugaruka ku Butatu Bweranda aho twese tuvuga bimwe ntidusanzare. Intumbero rero ikaba ariyo kwibukanya ivyiza dukura muri Bibliya, guheba imigenzo itabereye, tugashikiriza abandi ivyo natwe twabanje gushikirizwa nayo. Yabandanije ashikiriza ingene ubutumwa bwo gushira Bibliya mu kirundi bwatanguye (1982), n'ibindi.
Inyigisho ya kabiri ijanye n'intangamarara kuri Bibliya Nyeranda, yashikirijwe n'umupfasoni Yuliyeta Congera. Yarerekanye ko Bibliya ari Ijambo ry'Imana ryashikirijwe abantu ubwa mbere riciye ku bahanuzi n'intumwa z'Imana (Yerem. 1, 2 ; Ez. 1, 3; Oz. 1, 1), hanyuma rikandikwa mu bitabu bitandukanye bivanye n'uwayanditse eka mbere n'igihe yayandikiye, tutibagiye n'imvo yatumye yandika. Yongeyeko ibitabu bigize Bibliya Nyeranda, n'igituma twokunda kuyisoma.

Inyigisho ya gatatu ijanye n'ubuhinga bwo gusoma Bibliya no kuzirikana Ijambo ry'Imana, yashikirijwe na mama Lusiya Kayandakazi aho yashimikiye ku gusengera ku karago k'umuryango bigizwe no :

1. Intangamarara: agashwangamuzi.
2. Gusoma Ijambo ry'Imana.
3. Gusoma akarongo ku karongo.
4. Gushikiriza Ijambo kuri utwo turongo uvuga Yezu.
5. Kuvuga igisabisho bikwirikirwa n'imyimenyerezo itari mike yo kubitahura gusumba.

Inyigisho ya Kane "Akamaro k'Ijambo ry'Imana mu Bantu" yashikirijwe na Patiri Caliope Bazitwinshi. Yatanguriye ku nsiguro y'Ijambo muri rusangi n'ikibanza Ijambo rifise mu mico n'imigenzo y'ikirundi gutyo ashika aho yerekana ko Ijambo ry'Imana ari Rurema, ribeshaho.

Inyigisho ya gatanu: "Ubutumwa n'uruhara vy'Abamenyeshamana mu kwigisha Bibliya Nyeranda no mu bundi butumwa bajejwe", yashikirijwe na mama Beyatirisi Ntiranyibagira aho yashimikiye ku Nkuru Nziza ya Matayo 28,19-20 igira iti: "Gende rero mwigishe abantu Bose...". Yaciye yerekana ingendo n'intango yo kumenyesha Ijambo ry'Imana, akarangamutima k'umumenyeshamana, uruhara rw'umumenyeshamana mu kurangura ubutumwa, ingene Ijambo ry'Imana ritegetezwa guha inyishu uwurihabwa rikamusigarana umwizero, ico iyo nyigisho y'Ijambo ry'Imana imariye abayironka hamwe n'intambamyi bahura mu gushikiriza iryo Jambo ry'Imana.

Bafashijwe na Patiri Caliope, barahejeje bigira hamwe ingene hoshingwa imigwi ndemeshabutumwa ya Bibliya mu ma Paruwase imbere yo kuja mu tuntu n'utundi. Twomenyesha ko izo nyigisho zaheze abariko barazishikirizwa binovora bongera bikugura akamaro zariko zirabazanira, kandi ko zigiye kubafasha m’ubutumwa bwabo bwa misi yose.

 

Evaristo Ndayishimiye Diyoseze ya Rutana