ISAKRAMENTU RYO GUKOMEZWA MURI MUTIMA MWERANDA RYARAYE RITANZWE MURI PARUWASI NYANTAKARA

ISAKRAMENTU RYO GUKOMEZWA MURI MUTIMA MWERANDA RYARAYE RITANZWE MURI PARUWASI NYANTAKARA

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8/7/2023, niho hatangwa Isakramentu ry'ugukomezwa muri Mutima Mweranda muri Paruwasi NYANTAKARA yo muri Diyoseze Katolika ya RUTANA. Ivyo birori vyabereye mu Nkuka ya misa yaherejwe n’icariho c'Umwungere mu ntara y'ubutumwa ya GIHOFI.

Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana, umusaserdoti yaribukije urwaruka rwagira  rukomezwe muri Mutima Mweranda eka mbere n'abakristu bose bari aho ko Mutima Mweranda atanga ingabirano nyinshi kandi zitandukanye. Yaribukije kandi ko bozikoresha mu gukora  ubutumwa : mu kuja mu mihari y'Ekleziya no mu kuja mu mibano rukristu kugira ntibamere nk'umwe yazika itarenta yabitswa na Shebuja.

Imikangara yaronkejwe iryo teka ni 276 ; muri bo harimwo abavuye mu yandi madini. Muri iyo Nkuka nyene, harimwo n’abana bato bahawe ibatisimu, hamwe n'ingo zububatse rukristu. Umwana umwe mu bari bahejeje gukomezwa, kw’izina ry’abandi, yarakengurukiye icariho c’Umwepiskopi muri iyo ntara y’ubutumwa, ya Gihofi hamwe n'abamenyeshamana babafashije mu kwitegurira iryo sakramentu.

Twobamenyesha ko imbere yo gusozera iyo Nkuka, Patiri mukuru wa paroisse NYANTAKARA nawe nyene yakengurukiye cane icariho c’Umwungere. Ibirori vyasozerewe n’umuhezagiro w’icese.

Clotilde Joyce BAHATI