ISHURE « RABBI, MUKAMA MENYEKANA », RYARAYE RYUGURUWE MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUTANA

ISHURE « RABBI, MUKAMA MENYEKANA », RYARAYE RYUGURUWE MURI DIYOSEZE KATOLIKA YA RUTANA

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 2/10/2021, ku mutumba wa Gitaramuka uri muri paruwase Kivoga, Diyoseze Rutana, haruguruwe ishure ryiswe « Rabbi, Mukama Menyekana » ; iryo shure rikaba ryitiriwe Yeronimu mweranda. Ivyo birori vyuguruwe n’Inkuka ya misa yabereye ku kirimba ca Bikira-Mariya citiriwe « Bikira Mariya Mugabekazi wa Kivoga » co muri iyo Paruwase nyene, iherejwe na patiri Félix NYANDWI yari yaserukiye umwepiskopi !

Imbere y’inkuka ya Misa, hari habanje kuba urugendo rurerure rwava ku mutumba wa Gitaramuka mu nyubakwa inyigisho zizotangirwamwo, gushika  ku kirimba ca Bikira-Mariya (ku birometero nka bitatu). Muri urwo rugendo, abakristu bo muri iyo Paruwase hamwe n’abashitsi baje bava muyandi ma Diyoseze nka Bujumbura, Ngozi nahandi, bari bitavye ku bwishi. Inkuka ya Misa irangiye, patiri Félix NYANDWI yari yaserukiye umwungere muri ivyo birori, yaciye asoma ingingo y’Umwungere ishinga iryo shure muri Diyoseze arongoye. Ahejeje gusoma iyo ngingo, uyo musaserdoti yarakengurukiye yongera akeza mama Maria-Lusiya KAYANDAKAZI, kuri ico ciyumviro ciza yagize co gutanguza ubwo butumwa bwa Mukama menyekana, n’intambwe bagezeko.

Inyuma y’iryo jambo, uwujejwe ubwo butumwa ku rwego rw’igihugu, umushingantahe Léonce NTSINDIYABANDI, wo muri Paruwase ya Gihosha, muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura, yaciye afata ijambo, arakengurukira cane umwepiscopi wa Diyoseze ya Rutana kuba yarakiriye icifuzo cabo co gutanguza iryo shure, akaba ashikirije n’ingingo ishinga iryo shure muri Diyoseze arongoye. Yasozereye iryo jambo adushikiriza komite ku rwego rw’igihugu hamwe na komite-nyobozi y’iryo shure ryari rihejeje gushingwa.

Mama Mariya-Luciya KAYANDAKAZI ari nawe yatanguje iryo shure, yarashikirije ijambo n’akanyamuneza keshi akengurukira cane umwungere yatanguje iryo shure muri Diyoseze yiwe, amenyesha kandi ko rizoba ngirakamaro muri Diyoseze. Inyuma yo gusabikanya akarahuri kateguriwe uyo musi mukuru, abaraho bose basezeranye mukanyamuneza, baca basubira inyuma mu mahoro.

 

Patiri Benedigito KABURA, Diyoseze ya RUTANA