MURI DIYOSEZE YA RUTANA, UMUSI MUKURU W’UBUMWE BW’ABEMERA YEZU-KRISTU WARAHIMBAJWE MU KANYAMUNEZA NTANGERE

MURI DIYOSEZE YA RUTANA, UMUSI MUKURU W’UBUMWE BW’ABEMERA YEZU-KRISTU WARAHIMBAJWE MU KANYAMUNEZA NTANGERE

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 24 Nzero 2022, buca ari umusi mukuru w’ubumwe bw’abemera Yezu-Kristu, mw’isengero nkuru ya Aglikane, niho abakristu bo muri Diyoseze katorika iri mu Rutana bahura na bagenzi babo bo muri Anglikane ngo bavugire hamwe igisabisho co gusabira ubumwe abo bose bemera Yezu-Kristu. Abakristu b’ayo mashengero yose uko ari abiri bari basidukanye n’iyonka baherekejwe n’abungere babo

Ayo mashengero uko ari abiri yama ategurira hamwe ico gisabisho uko iryo sango rigeze, bakaja baribukanya aho bahurira. Mu mwaka uheze bahuriye mw’isengero nkuru y’umwungere w’aba katorika mu Rutana, Uyu mwaka naho hari haramukiwe ko abakristu bo muri ayo mashengero bose bahurira mw’isengero nkuru (cathédrale) ya Anglicane.

Abo muri anglikane bari baje gutegerera bagenzi babo ku mahwane y’inzira ahari icibutso ca Rwagasore igihe c’isaha y’icenda (15H00). Urugendo rwaciye rutangura, abari mu migwi y’indirimbo bo muri ayo mashengero yose, baciye baja imbere, bagenda bararirimba bahana, gushika mu ngoro y’Imana y’aba Anglikane.

Umwungere wo mw’ishengero ry’Abanglikane, Musenyeri Ponsiyano RIBAKARE amaze kwakira mugenziwe musenyeri Bonaventura NAHIMANA wo muri Diyoseze katorika ya Rutana hamwe n’abasaserdoti, abapasitori, abihebey’Imana n’abakristu isinzi bari bitavye ico gisabisho, baciye basoma ijambo ry’Imana dusanga muri Matayo 2, 1-12, rituyagira ingene abamajusi bagiye gushikanira akana Yezu kavutse bamurikiwe n’inyenyeri. Mu nsiguro umwungere katorika yatanze, yabanje kwerekana inzira zidashika twokwirinda kuko zitandukanya abantu n’abandi, hanyuma abandaniriza ku biduhuriza hamwe nk’umuryango w’abana b’Imana. Yagize ati : « Inzira y’amacakubiri, y’ugucanamwo, y’ubwishime ngo ni twebwe turuta abandi mu kwemera, ivyo vyose ntaho bidushikana atari ukutuzimiza… Imana dusenga ni imwe, ukwemera gukomoka hamwe ku Mana, ijuru duharanira ni rimwe. Ijambo ry’Imana riduhuza, ni ibere rimwe twonka twese tukarivomamwo ukwemera. N’aho ingoro z’Imana ari nyishi, zose ni ikimenyetso c’ingoro y’Imana imwe rudende tuzohuriramwo twese ».

Musenyeri wa Anglikani nawe mukwitsa iryo jambo ry’Imana yagize ati : « Uwugomba kubona Imana agira umwete, ubonye iyo aba majusi bavuye n’ingorane bagiriye mu nzira, iyo batagira umwete ntibari kubona Imana. Uwugomba kubona Imana yirinda guhagarika urugendo, inyenyeri imaze kuzimangana, abamajusi batazi iyo bava n’iyo baja kuko bari bageze mu gihugu batazi, iyo bataba bari bafise inyota nyishi yo kubona Imana, bari guca bahagarika urugendo, bakisubirira iwabo batabonye Imana bari bagiye kurondera. Uwabonye Imana arangwa n’akanyamuneza, aho abamajusi baboneye ya nyenyeri ikabarongora gushika aho akana Yezu karyamye, barahimbawe cane. Uwufise akanyamuneza kava ku Mana, akora ibikorwa vyishi vyiza vy’urukundo, abamajusi baciye bapfundurura ibikemanyi vyabo bashikanira Yezu amashikanwa y’agaciro : inzahabu (zashikanirwa abami), isenga (yashikanirwa Imana) hamwe n’imira (yakoreshwa mugusiga ikiziga c’umuntu yubashwe kuko ni amavuta y’agaciro kanini), kugirango berekaneko uwo yavutse ari umwami, akaba n’Imana ije kudupfira ngo dukire. Uwushaka kubona Imana yirinda inyosha mbi n’amajwi ya ba Herodi yomuhubisha, ngo nimwamubona murambwire ahari nanje nje kumusenga, akumviriza nyabuna Imana gusa, idutegereza guca muyindi nzira inyuranye n’iya Herodi ».

Umwungere wa Anglikane Yasozereye inyigisho yiwe atumirira abari aho bose gushira hamwe bakirinda ico cose cobatandukanya kuko inyungu abemera bose barondera ari imwe nsa. Yagize ati : « Amashirahamwe arondera gushika ku nyungu zayo, ariko twebwe abemera dushira hamwe ngo dushike ku nyungu imwe rudende : Ubwami bw’Imana… na none Imana ni iya bose kuko ibaye iy’idini rimwe gusa yoba ibaye nto cane ».

Inyuma y’ico gisabisho, abo bungere bose uko bari babiri, abasaserdoti n’abapasitori, abihebeye Imana hamwe n’abandi bakristu baserukira abandi, baciye baja mu kindi kibanza categuwe, babandanya baganira bongera basabikanya inzimano mu kanyamuneza, n’amajambo meza y’ubukengurutsi aravugwa. Mu nyuma abungere baciye batanga umuhezagiro, abari aho bose baca barisoza, bitahira amahoro.

 

Patiri Benedigito Kabura, ibiro nshingwabutumwa, Diyoseze Rutana