MUSONGATI: TWIFATANYE N'ABORO BACU

MUSONGATI: TWIFATANYE N'ABORO BACU

Muri Paruwase Musongati, Diyoseze katolika ya Rutana, kuri uyu w'Imana 11-02-2024 harahimbajwe umusi mukuru mpuzamakungu ugira 32 wahariwe abarwaye. Umusi mukuru watangujwe n'Inkuka ya Misa yarongowe na Patiri Antoni Mariya Zakariya IGIRUKWAYO Patiri mukuru wa Paruwase.

Mu ntango z'Inkuka ya Misa habanje gutangwa BIBILIYA  NYERANDA ku bakristu 104 baserukira ibisata n'imigwi bitandukanye bigize ubuzima bwa Paruwase. Mu mu muhari wa chiro hariho abashikirije indagano,

Inkuka ya Misa iheze naho baca bashikiriza inkwi abagwariye mu bitaro bikuru vy'i Musongati vyitiriwe Yozefu Mweranda. Abagwaye 130 baje bava mu mibano yose igize Paruwase hamwe n'ababaherekeje barafunguriwe Inkuka ya Misa iheze, Patiri mukuru acarabashikiriza n'Ijambo ko muri uyu mwaka wa Yubilé paruwase irimwo bariko bategura uko umugwi w'abagwaye bamenyesha Inkuru Nziza wokomezwa.

Ibikorwa vyo gutegura imfungurwa no gufungurira abagwaye vyakozwe n'umurwi w'urwaruka rumenyesha hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.

 Joseph