PARUWASE MUHWEZA YARAYE IGABANYE PATIRI MUKURU MUSHASHA

PARUWASE MUHWEZA YARAYE IGABANYE PATIRI MUKURU MUSHASHA

Ku wa 8/10/2023, Paruwase ya Muhweza muri Diyoseze ya Rutana, yararonkejwe Patiri Mukuru mushasha, ari  we Patiri Silasi NDUWAYO. Ibirori vyari birongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Bonaventura NAHIMANA arongoye Diyoseze ya Gitega akanahagararira Papa muri Diyoseze Rutana.  

Bamwe  mu basaseredoti bari baje gushigikira ivyo birori tutavuze isinzi ry'abakristu bari basidukanye n'iyonka ngo bakire umutumwa wabo. Imbere y'inkuka ya Misa harahezagiwe inyubakwa nziza y amanama. 

u

Mu nsiguro yiwe  Umwepiskopi yaribukije icivugo c umwaka w ubutumwa ." Yezu Kristu Mukiza w'isi yaje ngo abantu baronke ubuzima bwuzuye." Ubwo buzima ni bwa buzima bw'imana turonka mu mazi y' ibatisimu no muri Mutima Mweranda.

Uwakristu, ku bw'iryo vuka rishasha, ahamagarirwa kwiteza imbere ku mutima no ku mubiri kugira ngo aronke amahoro. Na none, nkuko Papa Pawulo wa VI yabivuze, " Iterambere ni ryo zina rishasha ry' Amahoro". 

Umwepiskopi yaratumiriye abakristu bose gukoresha neza ingabirano zitandukanye bahawe n'Imana kugira biteze imbere. 

Umugirwa wo gushikiriza Patiri mukuru wari ugizwe  n'intambuko  zikurikira: Ukugaragaza ukwemera, ukurahira ko agiye kwisunga mu nyigisho azoshikiriza Ijambo ry'Imana, inyigisho z'Ekleziya n'amategeko yayo, ukwambikwa isitola nk'ikimenyetso c'ubukuru n'ibanga ryiwe, kuronswa Bibiliya Nyeranda hamwe n'igitabu c'amategeko ngenderwako y'Ekleziya Mawe wacu, imfunguruzo z'isengero n'itaberenakuro aho yavuze ati: " Ni wakire izi mfunguruzo nk'ikimenyetso c'ububasha uronse kuri Paruwasi. Urugururira igihugu c'Imana ingoro yayo kugira abayinjiramwo ibabere inzira yo gushikira ubuhirwe bw'ijuru."Ubwo butumwa azobufashanya na Patiri Yuventi NCUTINAMAGARA. Umugirwa wa nyuma wabaye ukumwicarika akanya gato ku ntebe y'Umwungere.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyasozerewe no gusangira inzimano mu nyubakwa y'amanama n'umuhezagiro watanzwe n'Umwungere.  

Jérôme Minani