UMWAKA MUSHASHA WA 2022 WAHIMBAJWE MUKANYAMUNEZA NTANGERE MURI DIYOSEZE YA RUTANA

UMWAKA MUSHASHA WA 2022 WAHIMBAJWE MUKANYAMUNEZA NTANGERE MURI DIYOSEZE YA RUTANA

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15.01.2022, abasaserdoti n’abihebeye Imana bari kumwe n’umwungere wa Diyoseze ya Rutana, barahimbaje umusi mukuru w’ukwigina umwaka mushasha wa 2022. Urwo rubanza rudasanzwe rwo kwiginana rwabereye muri paroisse ya Kayove, neza na neza ku mutumba wa Gitaba, ku bimanga vyo ku gacimbiri ka Nyakinoso.

Abasangira-butumwa nka bose bari bitavye iryo sango. Akanyamuneza karibonekeza kubaraho bose kuko, kababereye akaryo keza ko gusabikanya inzimano hamwe n’ikiyago, na cane cane ko benshi bari bahuye badaherukanye kuko bakorera ubutumwa mu mihingo itandukanye.

Umwungere yarashikirije ijambo yifuriza abasangira-butumwa bose umwaka mwiza, akengurukira Imana ku vyiza vyose yawubahereyemwo, akengurukira kandi n’umwumwe wese kukungene yitanze mu butumwa yaranguye yongera kandi asaba abari aho kwongereza umwete n’inguvu kugira ngo umuryango wa Diyoseze ubandanye utera imbere. Yaranashikirije indamutso yari yarungikanywe na mugenziwe umwungere wa Diyoseze ya Ruyigi, aho yari yagiye kumukeza kumyaka icumi n’umwe iheze ashikirijwe amabanga ahambaye yo kuyobora Diyoseze ya Ruyigi nk’umwungere wayo. Yasozereye akengurukira abitavye urubanza, abaruteguye mbere anakengurukira na patiri mukuru yaturondereye ikibanza ciza duhuriramwo, mbere aca asozera amusaba ko yoharondera ikibanza gikwiye, cotegurwa neza kugira hazoje harakirirwa abazokwifuza kuharuhukira.

Ahejeje gushikiriza ijambo, uyo mwungere yaciye atera ururirimbo rwo kuninahaza Imana « Te Deum », aca arashikiriza umuhezagiro abaraho bose, imbere y’uko umwe wese asubira mu butumwa bwiwe bwa misi yose.

Twibutse ko uyo musi mukuru wari kuba wahimbajwe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 01.01.2022, ariko harabaye imvo zidasanzwe zatumye biba ngombwa ko uyo musi mukuru wungururizwa kuri iyo yindi sango.

Patiri KABURA Benoît