UMWAKA W’ISHURE KU BAKENYEZI N’ABIGEME BO MURI PARUWASI KABINGO WARAYE WUGURUWE ICESE

UMWAKA W’ISHURE KU BAKENYEZI N’ABIGEME BO MURI PARUWASI KABINGO WARAYE WUGURUWE ICESE

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2/6/2023, habaye ibirori vyo kwugurura icese umwaka w’ishure mu Kigo c’ubworozi kiri mu Kibimba muri Paruwase KABINGO ya Diyoseze Katolika ya RUTANA. Ivyo birori vyatangujwe n’Inkuka ya misa yaherejwe na patiri Félix NYANDWI umunyabigega wa Diyoseze atumwe Nyenicubahiro Musenyeri mukuru Bonaventura NAHIMANA Diyoseze ahagarariye Papa muri iyo Diyoseze.

Abakenyezi n'abigeme bagera kumirongo itatu nibo bugururiwe icese uyo mwaka w'ishure. Iryo shure ryigisha gusoma no kwandika, kurima no kworora kinjambere, hamwe n'imico runtu na rukristu. Ivyo birori vyari vyatewe iteka n'abanyacubahiro batari bake : nka patiri Onesphore HABARUGIRA yashinzwe kurongora ico kigo akaba ari no mu bigisha, hari n'abasaserdoti batari bake, abaserukira intwaro, na cane cane uwurongoye indero muri Komine Giharo, uwujejwe amagara y'ibitungwa, uwujejwe uburimyi n'ubworozi, uwujejwe amashamba muri iyo Komine. Hari kandi n’uwurongoye umugabwe uri ku butegetsi n’umupfasoni Valantina yaserukiye ishirahamwe RVIA mu Burundi ari naryo rifashe mu mugongo iryo shure.

Patiri Onesphore HABARUGIRA yashinzwe ico kigo amaze guha ikaze abashitsi yarashikirije mu ncamake, abarezi n'abarerwa b'iryo shure, kahise k’iryo karyo. Nayo umuyobozi w'indero muri Komine GIHARO yarakengurukiye abazanye uyo mugambi, aranashima ingene bawushize aho ukwiriye kuko hakiri abatazi gusoma no kwandika benshi. Yarangije asaba kuwagura ku buryo ababikeneye bose bari muri iyo Komine boshikirwa hadasigaye inyuma abasore n'abagabo kuko nabo bahari.

Patiri Félix NYANDWI umunyabigega wa Diyoseze yaramenyesheje intumbero nyamukuru y'uwo mugambi ko ari kugira abakenyezi n'abigeme bo mu Kibimba bashike kw'iterambere rirama rya zina muntu wese uko ari kose yongera abahanura kugendera ubuntu n'ubukristu kugira babe akororero aho babaye, bazoshobore no kwishingira ama Koperative, borore ibitungwa bito bito nk'inkwavu n'ibindi. Kubwa patiri Félix, ikizosabwa cose coza kizana iryo terambere kizokorwa nk'uko yemeye icese ko agiye kubishikiriza uwamutumye.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyabandanirije k’ukuraba ubworozi buri muri ico kigo. Hanyuma abatumire bahavuye bahurira hamwe basangira akarahuri. Umusi waheze mu kanyamuneza ntangere !

Evariste NDAYISHIMIYE