YUBILE Y’IMYAKA 75 YA PARUWASE MPINGA, DIYOSEZE RUTANA, N’IYATIRWA M'UBUDIYAKONI N’UBUSASERDOTI

YUBILE Y’IMYAKA 75 YA PARUWASE MPINGA, DIYOSEZE RUTANA, N’IYATIRWA M'UBUDIYAKONI N’UBUSASERDOTI

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2020, abakristu bo muri paruwase ya Mpinga birirwanye akanyamuneza k'aho bigina imyaka 75 paruwase yabo imaze ivutse. Ivyo birori bikaba vyahuriranye n'iyatirwa ry’Abasaserdoti n’Abadiyakoni. Kuri uyo musi imisore 8 yatiwe m’ubusaserdoti, 6 nayo mu budiyakoni. Iyo migirwa yabereye mu Nkuka y’imisa yari irongowe n'umwungere wa diyoseze Rutana, Musenyeri Bonaventura Nahimana.

Mu bashitsi bandi bari bateye iteka ivyo birori harimwo abepiskopi b'amadiyoseze ya Ruyigi na Bururi yavyaye diyoseze ya Rutana aribo banyenicubahiro Blaise Nzeyimana na Salvator Niciteretse. Ku ruhande rwa Leta, hari umukuru w'Inama nkenguzamateka, umwubahwa cane Reveriyano Ndikuriyo, akaba ari nawe yari yayiserukiye ari kumwe n'icegera ciwe ca mbere, umwubahwa Spès Caritas Njebarikanuye. Hări rero n’Abasaserdoti batari bake bari baje bavuye mu ma Paruwase agize iyo diyoseze n’ahandi, Abihebeye Imana n’isinzi ry’abakristu !

Mu nyigisho uyo mwungere yatanze, yasavye abo batiwe mu busaserdoti no mu budiyakoni kugendera mu makanda ya Yezu Kristu, ntibatinye gukora, bamwisunge, bahimbarwe no kwihebera abarwaye, abana, abatama n'abatamakazi. Yabandanije agira ati : « Ikizoninahaza Imana Data n'uko muzokwama ivyamwa vyinshi. Ni mube umwe na Yezu Kristu, niho muzoronka akanyamuneza bivuye ku bunywanyi mufitaniye. Kristu yabahamagaye ngo mumubere abigishwa n'abatumwa; gende rero mumuvugire mudatinya kuko muzoba muri kumwe.
Mw'ijambo uwaserukiye abakristu yashikirije imisa irangiye yasavye umwungere wa diyoseze ko hoboneka n'ayandi ma paruwase avutse, avyawe na Mpinga, gurtyo ngo boroherwe mu kuronka amasakramentu. Kuwari yaje aserukira Leta nawe, uwo yaserukiye abakristu yamusavye kuvugira iyo komine kugira ngo ibarabara rishika aho hantu rikorwe kuko rimeze nabi cane ati : "Mwariciyemwo, mwaribonye" !

Umwungere wa diyoseze Rutana yaciye ashikiriza udushimwe abitanze bose kugira ngo iyo Paruwase ya Mpinga itere imbere, hamwe rero n'imiryango y'abakristu ibanye rukristu haraciye imyaka iri hagati ya 50 na 20. Ku mwitwarariko w’uko ayandi maparuwase yovuka, umwungere wa diyoseze yamenyesheje ko imbere y'uko umwaka uhera hazoba havutse paruwase nshasha ya Kayove izoba ije yiyongera kuri 8 zavyawe na Mpinga.

Uwaserukiye Leta muri ivyo birori, mw’ijambo ryiwe yabwiye abatiwe ko umuhamagaro wabo utoroshe ko bazohura n'amageragezwa menshi ariko ko nibishimikiza uwabahamagaye, azobaneshereza. Yarashimye uruhara rwa Ekleziya mu bisata vyose vy'igihugu avuga ko ari karahara mu ruganda ntibacure. Yaramenyesheje ko Umukuru w'igihugu afitiye icizere kidasanzwe abarongoye Ekleziya Gatolika mbere aranabashimira ku bikorwa vyiza barangura akabasaba kwama bashigikira Leta mu guhanura no mugukomeza ingo z'abakristu. Yarangije iryo jambo ryiwe asaba ko muri kino gihe c'uburuhuko Ekleziya yokomeza indero mu rwaruka, barwigishe indero runtu.

Mu gusozera ibirori vy'uwo musi, Nyenicubahiro umwungere wa diyoseze yarakeje Paruwase ya Mpinga ku bitari bike yaranguye muri iyo myaka 75 imaze, nko kubona yaravyaye izindi Paruwase zishika ku munani ; uwo musi ukaba waranzwe n'akanyamuneza karengeye kubakurikiranye ivyo birori.

Twobamenyesha ko hambavu y’imigirwa y’ukwatira Abadiyakoni n’Abasaserdoti, hari haraye habaye iyindi migirwa y’ugutanga ibice vy’ubusomyi n’ubukorezi, amabango asanzwe aganisha kw’ibanga ry’ubusaserdoti.

 

NDAYISHIMIYE Evariste, diyoseze Rutana