DIYOSEZE YA RUYIGI YARAYE YUNGUTSE ABASASERDOTI BASHASHA

DIYOSEZE YA RUYIGI YARAYE YUNGUTSE ABASASERDOTI BASHASHA

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Mukakaro 2021, muri Paruwase Muvyeyi w'Ikigongwe ya MUREMERA ya Diyoseze ya Ruyigi, niho haba ibirori vyo kwatira mw'ibanga ry'Ubusaserdoti n'ugutanga ibice vyabwo. Inkuka ya Misa yari irongowe n'Umwungere wa Diyoseze Nyenicubahiro Musenyeri Buraziyo NZEYIMANA ahagatiwe n'isinzi ry'Abasaserdoti.

Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana dusanga mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani 14, 1-17, uyo Mwepiskopi yaragabishije yongera aratekerera impanuro zitari zike abatumwa bashasha, yaranasavye abakristu kubasabira no kubahanura kuko ubusaserdoti ari ibanga rihambaye muri Ekleziya, ko aho umuherezankuka aba ari ariho Yezu aba ari.

Tubamenyeshe ko icumi n’umwe (11) ari bo batiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti, rikaba ryari imbonekarimwe mu mateka ya Diyoseze Ruyigi mu kuronkera icarimwe abatumwa bashasha bangana batyo ; haratiwe kandi abadiyakoni batandatu (6), icumi nabo (10) baragabana igice c'ubukorezi, hamwe n’icumi na babiri baronse igice c’ubusomyi.

Mu gusozera, Musenyeri Buraziyo yaciye amenyesha abo batumwa bashasha aho bazorangurira ubutumwa. Turangize tubamenyesha ko iyo Paruwase ya Muremera yakiriye ivyo birori imaze imyaka 43 ishinzwe, rikaba ryabaye irya mbere yakira urubanza nk'urwo. Imana ibandanye izigama umuryango wa Diyoseze ya Ruyigi mu kuyironsa abatumwa benshi kandi beranda !

 

Athanase Ntirusezerana