IBIRORI VYO KWATIRA ABASASERDOTI MURI PARUWASE KIGARAMA IRI MURI DIYOSEZE RUYIGI

IBIRORI VYO KWATIRA ABASASERDOTI MURI PARUWASE KIGARAMA IRI MURI DIYOSEZE RUYIGI

Kw’igenekerezo rya 15/7/2023, muri Paruwasi KIGARAMA yitiriwe Ubutatu bweranda yo muri Diyoseze RUYIGI, niho haba ibirori bidasanzwe vyo kwatira abasaserdoti n’abadiyakoni, hamwe n’itangwa ry’ibice bigana iryo banga. Inkuka ya misa ikaba yaherejwe na Nyenicubahiro Musenyeri Blaise NZEYIMANA, umwepiskopi asanzwe arongoye iyo Diyoseze.

Mu nsiguro yatanzwe na musenyeri, yarasavye abakristu gusabira no gushigikira abaseminari, ndetse nabaronse amabanga kuri uwo musi. Muri iyo nkuka, hatiwe abasaserdoti 7 n’abadiakoni 8. Abaronse ibice vy’ubukorezi nabo bari 10, hamwe n’abasomyi 7. Inkuka ya misa irangiye, abashitsi biteka baciye bagenda kwiginana mukwivuna umusase mu nyubakwa y’amanama ya Paruwase KIGARAMA.

Twobamenyesha ko abakristu isinzi bari bitavye ivyo birori, kukaba nkako bwari ubwa mbere iyo Paruwase iterwa iteka nk’iryo.

Claude NIYIRAGIRA na Claudine NDAYISENGA