INTEGURO YA YUBIRE Y’IMYAKA 50 IHEZE PARUWASE MURIZA ISHINZWE IRIKO IRAGENDA NEZA CANE

INTEGURO YA YUBIRE Y’IMYAKA 50 IHEZE PARUWASE MURIZA ISHINZWE IRIKO IRAGENDA NEZA CANE

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 28 Mukakaro 2021, kuri Paruwase Muriza ya Diyoseze Katolika ya Ruyigi, patiri mukuru w’iyo Paruwase  Salvator NGENDABANKA, yarashikirije mu ncamake ingene imyiteguro ya Yubire y’imyaka 50 iheze iyo Paruwase  ishinzwe iriko iragenda n’aho igeze.

Iyo Paruwase ya Muriza isanzwe yitiriwe "Mugabekazi wurijwe mw'Ijuru", iri muri Diyoseze ya Ruyigi, mu ntara y'ubutumwa ya Buyogoma, ikaba yashinzwe mu mwaka w'1971. Nkuko twabishikirijwe na Nyakubahwa Patiri Mukuru wayo, iyo Paruwase ifise ibisata vy’itabariro icumi (10) hamwe n’imibano rukristu mitomito ijana na mirongo itandatu n’itatu (163).

Nk’uko yabandanije abishikiriza, ngo iyo Paruwase ifise abakristu bangana 26.469, ni ukuvuga hafi ibice 55% vy'abantu bose baba muri iyo Paruwase. Ngo iramaze kwibaruka abasaserdoti n'abihebeyimana batari bake. Mu mwaka w'2015 naho ikaba yaratewe iteka ryo kwibaruka Paruwase Kigarama.

Imigambi y'iterambere, ryaba iry’umutima canke iry'umubiri, iriko irarangurwa na cane cane muri iyo ntumbero nyene y’ukwitegurira iyo Yubire: hari abataye ubukristu bariko barakomoza amasakramentu yabo ; mu bisata, amasengero mashasha yarubatswe, ayatarahera nayo urwubako rurabandanya ; hategekanijwe amasôko y'intererano atandukanye: hari izitangwa n'imibano rukristu, imirwi y'ubutumwa, abakristu batanga ku giti cabo, hakaba kandi n’izitangwa n'imvukira z'iyo Paruwase zirangurira imirimo ahandi.

Twokwibutsa rero ko Paruwase Muriza izohimbaza iyo Yubire yayo y’inzahabu kw’igenekerezo rya 28/8/2021 ku civugo : "Turi kumwe na Bikira Mariya yurijwe mw'ijuru, Iyubile yacu ni ibe ininahazwa ry'Imana mu ngo zacu".

 

Athanase NTIRUSEZERANA